Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 10 Kigarama
INDWI ITANGURA KU WA 10 KIGARAMA
Ururirimbo rwa 32 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 2 ing. 14-19, n’uruzitiro ruri ku rup. 25 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Zefaniya 1-3–Hagayi 1-2 (Imin. 10)
No. 1: Hagayi 1:1-13 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Kristu ntagaruka mu buryo buboneka—td 35A (Imin. 5)
No. 3: Kugira umuzirikanyi wa Kristu biratuma turushiriza kumenya Yehova—Mat. 11:27 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 15: Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo mu 2013. Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’ishure. Ukoresheje ibikurikizwa nk’uko biboneka ku rutonde rw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rwo mu 2013, nuce irya n’ino ivyiyumviro bikenewe gushimikwako ng’aho iwanyu. Nuremeshe bose gukorana umwete mu gushitsa ibiganiro bashingwa, mu kugira uruhara mu kiganiro c’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya no mu gushira mu ngiro inama zitangwa ku ndwi ku ndwi zivuye mu gitabu Ishure ry’Ubusuku.
Imin. 15: “Mubane amahoro n’abantu bose.” Ibibazo n’inyishu. Nimugire imyerekano ibiri migufi, uwa mbere werekane uburyo bubi bwo kwishura umunyamuhana yashavuye, uwa kabiri werekane uburyo bwiza.
Ururirimbo rwa 39 n’isengesho