ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/12 rup. 4
  • Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 3 Kigarama

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 3 Kigarama
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Udutwe
  • INDWI ITANGURA KU WA 3 KIGARAMA
Igikorwa dukorera Ubwami—2012
km 11/12 rup. 4

Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 3 Kigarama

INDWI ITANGURA KU WA 3 KIGARAMA

Ururirimbo rwa 128 n’isengesho

□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:

jr ikig. 2 ing. 7-13, n’uruzitiro ku rup. 20 (Imin. 30)

□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:

Igisomwa ca Bibiliya: Nahumu 1-3–Habakuki 1-3 (Imin. 10)

No. 1: Habakuki 2:1-14 (Imin. 4 canke idashika)

No. 2: Kubera iki twomenyesha abantu ukuri tubigiranye ubujijutsi?—2 Tim. 1:7, 8 (Imin. 5)

No. 3: Amadini yose yoba ari meza?—td 34B (Imin. 5)

□ Ikoraniro ry’umurimo:

Ururirimbo rwa 106

Imin. 10: Ukuntu twoshobora gushikiriza ibinyamakuru muri Kigarama. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nufate amasegonde ari hagati ya 30 na 60 uvuge igituma ivyo binyamakuru bizoshimisha abantu bo mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro vyo muri Be maso! bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, hanyuma umwanya ubibakundiye, ubigenze gutyo no ku kindi kiganiro kimwe co muri ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshobora gushikirizwa, mukoresheje ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero ryanyu kandi mwisunge Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kubishikiriza.

Imin. 10: Agaciro k’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Gitabu c’umwaka 2012 ku rupapuro rwa 92, ingingo ya 1; ku rupapuro rwa 112, ingingo ya 3; no ku rupapuro rwa 113. Nusabe abumviriza bavuge ivyo bahigiye.

Imin. 10: Ivyabonywe mu gihe co gutanga udupapuro tw’inkuru nziza. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Nusabe abumviriza bigane ivyabonywe vyabashimishije igihe bariko baratanga udupapuro tw’inkuru nziza muri Munyonyo. Nusabe abamamaji babiri baroraniwe muri ico gikorwa bagire umwerekano w’ukuntu bashikirije udupapuro tw’inkuru nziza inzu ku nzu.

Ururirimbo rwa 96 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika