Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 26 Munyonyo
INDWI ITANGURA KU WA 26 MUNYONYO
Ururirimbo rwa 62 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 2 ing. 1-6, n’igicapo kiri ku rup. 19 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Mika 1-7 (Imin. 10)
No. 1: Mika 3:1-12 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Kuja hamwe kw’amadini si yo nzira y’Imana—td 34A (Imin. 5)
No. 3: Ingene tumenya ko Yehova yumva amasengesho—1 Yoh. 5:14 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere. Mukoresheje uburyo bwo gutanguza ibiyago buri ku rupapuro rwa 4, nimugire umwerekano w’ukuntu inyigisho ya Bibiliya yotanguzwa ku wa gatandatu wa mbere wa Kigarama. Nimuremeshe bose kubigiramwo uruhara. Niba ikinyamakuru co muri Kigarama kitaraboneka, nimukoreshe ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero kandi mwisunge Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kubishikiriza.
Imin. 10: Umusesekara wabo warujurije ugukehanirwa. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2012, urupapuro rwa 8-9.
Imin. 15: “Ntiwizitire—Nuvyifatemwo neza igihe ufise vyinshi ukora.” Ibibazo n’inyishu. Nubaze ibibazo mu ncamake umuntu yagize uruhara mu gikorwa co kwigisha Bibiliya naho afise vyinshi akora.
Ururirimbo rwa 73 n’isengesho