Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 12 Munyonyo
INDWI ITANGURA KU WA 12 MUNYONYO
Ururirimbo rwa 66 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 1 ing. 8-14 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Amosi 1-9 (Imin. 10)
No. 1: Amosi 3:1-15 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Mariya yari nyina wa Yezu ntiyari “nyina w’Imana”—td 33A (Imin. 5)
No. 3: Dushobora gute kwungukira ku gutahura ibivugwa muri Zaburi 51:17? (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Yezu yoba ari Imana? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 2012, urupapuro rwa 20-22. Nushimike ku vyiyumviro nyamukuru mubona ko vyoshobora gukoreshwa mu busuku bwo mu ndimiro.
Imin. 10: Hatwigisha iki? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Saba abumviriza basome Mariko 1:16-20. Nimwihweze ukuntu ibivugwamwo bishobora kudufasha mu busuku.
Imin. 10: “Nubone iciza kiva ku gikorwa cawe c’ubutame.” Ibibazo n’inyishu.
Ururirimbo rwa 98 n’isengesho