Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 5 Munyonyo
INDWI ITANGURA KU WA 5 MUNYONYO
Ururirimbo rwa 115 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 1 ing. 1-7 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yoweli 1-3 (Imin. 10)
No. 1: Yoweli 2:17-27 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ni mu buryo ngirakamaro butandukanye ubuhe twoshira mu ngiro ibivugwa mu Migani 22:3? (Imin. 5)
No. 3: Abantu barashobora guterwa iteka, ariko Imana yonyene ni yo itegerezwa gusengwa—td 32B (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi. (Zab. 68:11) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Gitabu c’umwaka 2012, kuva ku rupapuro rwa 117, ingingo ya 2, gushika ku rupapuro rwa 118, ingingo ya 2; no kuva ku rupapuro rwa 130, ingingo ya 1, gushika ku rupapuro rwa 131, ingingo ya 3. Nusabe abumviriza bavuge ivyo bahigiye.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Ukuntu twoshobora gushikiriza ibinyamakuru muri Munyonyo. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nufate amasegonde ari hagati ya 30 na 60 uvuge igituma ivyo binyamakuru bizoshimisha abantu bo mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro vyo muri Be maso! bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, hanyuma umwanya ubibakundiye, ubigenze gutyo no ku kindi kiganiro kimwe co muri ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshobora gushikirizwa.
Ururirimbo rwa 105 n’isengesho