Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 11 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 11 RUHESHI
Ururirimbo rwa 123 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 22 ing. 1-6 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Gucura intimba 1-2 (Imin. 10)
No. 1: Gucura intimba 2:11-19 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ni mu buryo butandukanye ubuhe abantu bariko “bahonya isi”?—Ivyah. 11:18 (Imin. 5)
No. 3: Imvugo ngo “umaze gukizwa biba biheze” ntishingiye ku Vyanditswe (td 26B) (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Ni ibiki twaranguye? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umunyamabanga. Nuvuge muri make ivyaranguwe mu kiringo c’Icibutso wongere ukeze ishengero ku gikorwa ryaranguye. Saba abumviriza bigane ivyo biboneye igihe bariko baratanga ubutumire bw’Icibutso, igihe basubira kugendera abashasha bitavye Icibutso n’igihe bariko barakora ubutsimvyi bwo gufasha.
Imin. 20: “Imvo 12 zituma twamamaza.” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza.
Ururirimbo rwa 47 n’isengesho