Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 31 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 31 GITUGUTU
Ururirimbo rwa 104 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 12 ing. 1-8, n’uruzitiro ku rup. 96 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Imigani 22-26 (Imin. 10)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi (Imin. 20)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Amatangazo. “Kimeze gute?” Insiguro. Inyuma y’iyo nsiguro, nimukoreshe uburyo bwo gutanguza ibiyago buri ku rupapuro rwa 8 mu kugira umwerekano w’ukuntu twotanguza inyigisho ya Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wo muri Munyonyo.
Imin. 15: Akamaro ko kuboneka neza mu busuku. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umukurambere gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 131-134.
Imin. 10: Twitegurire gushikiriza ibinyamakuru muri Munyonyo. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nufate umunota umwe canke ibiri uvuge bimwebimwe mu biganiro vyoshimisha abantu mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vy’Umunara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho vyo muri Be maso!, be no ku kindi kiganiro, nimba umwanya ubakundiye. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshobora gushikirizwa.
Ururirimbo rwa 90 n’isengesho