Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 10 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 10 GITUGUTU
Ururirimbo rwa 44 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 11 ing. 1-4, n’inzitiro ku rup. 84, 86-87 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Imigani 7-11 (Imin. 10)
No. 1: Imigani 8:1-21 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Icamwa cari kibujijwe cari ikihe? (td 10C) (Imin. 5)
No. 3: Igituma Ivyanditswe bitubuza kuba ‘abagororotsi birenze urugero’—Umus. 7:16 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: Woba umaze kubigerageza? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Mu buryo bw’insiguro, nimusubire mwihweze muri make amayagwa ari muri ibi biganiro biherutse gusohoka mu Gikorwa dukorera Ubwami: “Woba woshobora kuja mu busuku ku w’iyinga?” (km 5/11) be na “Dushinge intahe ku mabarabara mu buryo bwiza” (km 6/11). Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu bagerageje gushira mu ngiro inama tugirwa muri ivyo biganiro be n’ingene bavyungukiyeko.
Imin. 15: “Nufashe uwo muyaga kuzirikana.” Ibibazo n’inyishu. Mumaze guca irya n’ino ingingo ya 3, nihagirwe umwerekano aho umwamamaji yemeza ibintu uwo bayaga igihe yishura ikibazo gikunze kubazwa canke amajambo yo guhagarika ikiyago akunze kuvugwa. Nihace hagirwa uwundi mwerekano aho uwo mwamamaji yishura mu gufasha uwo bayaga kuzirikana.
Ururirimbo rwa 102 n’isengesho