Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 12 Nyakanga
INDWI ITANGURA KU WA 12 NYAKANGA
Ururirimbo rwa 80 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 9 ing. 8-18 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Zaburi 120-134 (Imin. 10)
No. 1: Zaburi 124:1–126:6 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Igihe Imana yemera ko umuntu ahindura idini (td 9C) (Imin. 5)
No. 3: Dushobora gute kuguma dufise ‘ijisho riremuruye’?—Mat. 6:22, 23 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo. Nuce irya n’ino “Ibikurubikuru vyo mu murimo wo mu ndimiro” biri ku rupapuro rwa 4. Nukeze abagize ishengero ku kuntu bagize ico baterereye mu gutuma haboneka raporo nziza cane muri Ndamukiza.
Imin. 10: Ukuntu twoshikira umutima—Igice ca 1. Insiguro ishingiye ku mayagwa yo mu gitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva ku rupapuro rwa 258 gushika ku rwa 260, ingingo ya 5. Nimugire umwerekano mugufi mwisunze iciyumviro kimwe canke bibiri vyo muri ayo mayagwa.
Imin. 10: Ntuzi aho bizokunda. (Umus. 11:6) Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku mayagwa yo mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2006, ku rupapuro rwa 9-10. Nimurabe kandi amayagwa yo mu gitabu c’umwaka (Annuaire) co mu 2011, ku rupapuro rwa 96, ingingo ya 1-2, no kuva ku rupapuro rwa 113, ingingo ya 1, gushika ku rupapuro rwa 114, ingingo ya 2. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyo bahigiye.
Imin. 10: “Nuhe agaciro agateka watewe ko kwamamaza.” Ibibazo n’inyishu.
Ururirimbo rwa 22 n’isengesho