Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 25 Mukakaro
INDWI ITANGURA KU WA 25 MUKAKARO
Ururirimbo rwa 97 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 7 ing. 1-8, uruzitiro ruri ku rup. 53 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Zaburi 79-86 (Imin. 10)
No. 1: Zaburi 84:1–85:7 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ingaruka ziva ku gusenga ibishushanyo (td 7B) (Imin. 5)
No. 3: Igituma amadayimoni yose yemera ko Imana iriho—Yak. 2:19 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo. Nimuvuge ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Myandagaro, mwongere mugire umwerekano umwe.
Imin. 10: Twamamaze naho twoba dufise amagara make. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2006, rup. 24, ing. 15-16 be n’uwo ku wa 15 Myandagaro 2006, rup. 11, ing. 2-3. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyigwa bahakuye.
Imin. 20: “Ibinyamakuru vyacu bigenewe gushimisha abantu batandukanye.” Ibibazo n’inyishu. Mumaze kwihweza ingingo ya 2, nufate umunuta umwe uvuge ibiri muri Be maso! muheruka kuronka. Nuce usaba abumviriza bavuge ibibazo n’ivyanditswe nka bingahe boshobora gukoresha mu gushikiriza ico kinyamakuru, mwongere mugire umwerekano w’ukuntu coshikirizwa. Mumaze kwihweza ingingo ya 3, nimugire gutyo nyene no ku Munara w’Inderetsi muheruka kuronka.
Ururirimbo rwa 134 n’isengesho