Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 13 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 13 RUHESHI
Ururirimbo rwa 45 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 5 ing. 1-8, uruzitiro ku rup. 39 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Zaburi 38-44 (Imin. 10)
No. 1: Zaburi 41:1–42:5 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Uburorero bwo muri Bibiliya bw’abagiraniye ubugenzi bukomeye be na kamere twokwigana (Imin. 5)
No. 3: Harumagedoni ni intambara y’Imana yo gukuraho ububisha (td 5A) (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza—Kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, kuva ku rupapuro rwa 98, ingingo ya 1, gushika ku rwa 99, ingingo ya 1. Nusabe abumviriza bavuge umunezero bironkeye mu kwigisha umuntu ukuri no mu kwibonera ingene atera imbere mu vy’impwemu. Umuntu umwe canke babiri muri abo boshobora kuba bategekanijwe imbere y’igihe.
Imin. 10: Ingingo mfatirwako ya gikirisu igenga umubano w’abubatse, ukwahukana n’ugutandukana, ni iyihe? Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, urupapuro rwa 195, ikibazo ca 1-3.
Imin. 10: “Turakeneye kwihangana mu busuku.” Ibibazo n’inyishu.
Ururirimbo rwa 103 n’isengesho