Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 14 Ntwarante
INDWI ITANGURA KU WA 14 NTWARANTE
Ururirimbo rwa 101 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 1 ing. 1-9, ikete ku rup. 2 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yobu 1-5 (Imin. 10)
No. 1: Yobu 3:1-26 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Twokwigira iki ku karorero k’abakobwa ba Zelofehadi?—Guh. 36:10-12 (Imin. 5)
No. 3: Yezu Kristu ni Umwana w’Imana akaba n’Umwami yagenywe—td 44A (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: Woba uri “umutunzi ku Mana”? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 2007, urupapuro rwa 29-30, ingingo ya 12-18.
Imin. 15: “Twerekane ko dukenguruka.” Ibibazo n’inyishu. Nuvuge muri make intunganyo zagizwe ng’aho iwanyu ku bw’Icibutso.
Ururirimbo rwa 8 n’isengesho