Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 7 Ntwarante
INDWI ITANGURA KU WA 7 NTWARANTE
Ururirimbo rwa 102 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl Isubiramwo ry’ibijanye n’Urukundo, ibig. 23-30 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Esiteri 6-10 (Imin. 10)
No. 1: Esiteri 7:1-10 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Si abantu bose bariko bakorera Imana imwe—td 43D (Imin. 5)
No. 3: Igituma Yezu ari we Mboneza akaba na We atuma ukwizera kwacu kuba ukutagira akanenge—Heb. 12:2 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Niwigishe mu buryo bushwirura. Insiguro ishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 255-257. Nimugire umwerekano mugufi mwisunze iciyumviro kimwe canke bibiri bikuwe muri ayo mayagwa.
Imin. 10: Nukoreshe neza udupapuro tw’inkuru nziza. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nudondagure tumwetumwe mu dupapuro tw’inkuru nziza tuboneka aho iwanyu. Nimwihweze igihe mwoshobora kudukoresha be n’igituma dukwegera. Nusabe abumviriza bavuge ingene bashoboye gukoresha neza udupapuro tw’inkuru nziza. Nimushiremwo umwerekano umwe canke ibiri.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Ururirimbo rwa 35 n’isengesho