Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 3 Nzero
INDWI ITANGURA KU WA 3 NZERO 2011
Ururirimbo rwa 120 (139)
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Ngoma 29-32
No. 1: 2 Ngoma 30:13-22
No. 2: Inkwezi y’urupfu ni iyihe? (td 41A)
No. 3: Ingene abantu ari abaja kubera ugutinya urupfu (Heb. 2:15)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Ururirimbo rwa 74 (130)
Imin. 5: Amatangazo. “Ikirangamisi co mu 2011 kirashimika ku Gusenga kwo mu muryango.” Insiguro.
Imin. 5: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Twashizwe ku ruhande ngo dukore ivyo Yehova agomba. Insiguro ishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, urupapuro rwa 168, ingingo ya 2, gushika ku mpera y’ico kigabane.
Imin. 15: “Ibiganiro bishasha vyo gutanguza inyigisho za Bibiliya.” Ibibazo n’inyishu. Imbere yo gutangura ico kiganiro, nimuhe Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2011 umwamamaji wese yaje atawuzanye. Nimusozere mugira umwerekano umwe canke ibiri y’ingene twotanguza inyigisho ya Bibiliya dukoresheje ikiganiro kivuga ngo “Niwige Ijambo ry’Imana—Kubera iki twokwigishwa n’Imana?”
Ururirimbo rwa 100 (166)