Ikirangamisi co mu 2011 kirashimika ku Gusenga kwo mu muryango
Ikirangamisi c’Ivyabona vya Yehova co mu 2011 kivuga ahanini ibijanye no Gusenga kwo mu muryango. Ico kirangamisi kirerekana imiryango yo mu gihe ca none be n’iyo mu bihe vya Bibiliya ifise ico isana na yo. Kirerekana kandi imiryango y’abubakanye be n’abasuku ba Yehova batarubaka izabo bariko bariga Ijambo ryiwe.
Abavugwa muri Bibiliya berekanwa kuri ico kirangamisi wasanga bahimbarwa n’itegeko rya Yehova, ico kikaba ari ikintu gihambaye cane cabafashije kugira ngo bavyifatemwo neza mu ngorane zidasanzwe baciyemwo. (Zab. 1:2, 3) Uko twihweza imwimwe muri ayo mashusho, tuzoza turibuka ukuntu Ugusenga kwo mu muryango guhambaye, twaba turi mu muryango munini canke mutoyi, twaba dusangiye canke tudasangiye ukwizera. Hariho ikibanza categekanijwe kuri ico kirangamisi kugira ngo mucandikemwo umusi umuryango wanyu wageneye Ugusenga kwo mu muryango. Mwoba none mumaze kuhuzuza?