Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 16 Myandagaro
INDWI ITANGURA KU WA 16 MYANDAGARO
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 24 ing. 20, 21 be n’uruzitiro
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abami 1-4
No. 1: 2 Abami 1:1-10
No. 2: Igituma amatungo y’umubiri adashobora kuzana ugushira akanyota kuramba (Umus. 5:10)
No. 3: Kristu ntagaruka mu buryo buboneka (td 35A)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Nufashe uwo mwigana Bibiliya kuba umwamamaji. Insiguro ishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, urupapuro rwa 79, ingingo ya 1 gushika ku mpera y’urupapuro rwa 80.
Imin. 10: Nushire ahabona agaciro ngirakimazi k’inkuru nziza. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 159. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku bintu biraje ishinga abantu bo mu cibare canyu. Nubasabe batange ivyiyumviro ku bijanye n’ukuntu ivyo bintu bibaraje ishinga twobishira mu buryo dukoresha mu gutanguza ibiyago.
Imin. 10: “Ibifungurwa ku gihe kibereye.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Numenyeshe igenekerezo iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe ryimirije rizoberako, nimba rizwi.