ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/10 rup. 2-3
  • Ni igiki abandi bakwigirako iyo bakwitegereje?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni igiki abandi bakwigirako iyo bakwitegereje?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Dukurikize akarorero Yezu yasize
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku​—Tumenyereze abashasha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Turondere ukuntu turushiriza kugira umwete mu busuku turangura
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 4/10 rup. 2-3

Ni igiki abandi bakwigirako iyo bakwitegereje?

1. Ni ibiki abigishwa ba Yezu bamwigiyeko mu kumwitegereza?

1 Yezu yavuze ati: “Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko.” (Mat. 11:​29) Biribonekeza yuko yigisha abandi mu kubereka akarorero keza, atari mu majambo gusa yavuga. Zirikana ku vyo abigishwa bize mu kwitegereza Yezu. Yari umugwaneza, umunyabuntu kandi agakundana. (Mat. 8:​1-3; Mrk. 6:​30-34) Yaricisha bugufi ata buryarya. (Yoh. 13:​2-5) Uko abigishwa ba Yezu bamuherekeza mu busuku, barabona yuko yari umukozi w’umunyamwete yigisha abandi ukuri akaroranirwa. (Luka 8:1; 21:​37, 38) None abandi iyo batwihweje mu busuku, ni gute bigira ico bibakozeko?

2. Igihe tuboneka neza tukagira n’inyifato nziza turi mu busuku, ni gute bituma abo tubwira inkuru nziza bakorwa ku mutima?

2 Abo tubwira inkuru nziza: Igihe twambaye rupfasoni, tukagira inyifato ibereye tukongera tukitwararika ata buryarya abo tubwira inkuru nziza, birashobora kugira ikintu gikomeye bibakozeko. (2 Kor. 6:3; Flp. 1:​27) Baribonera yuko dukunda gukoresha Bibiliya. Abandi na bo usanga bakorwa ku mutima n’ingene tubatega yompi tubigiranye urupfasoni igihe baba bariko baravuga. Ntitwigere dufatira mu rwara ukuntu akarorero keza dutanga muri iyo mice gashobora gutuma abantu bumviriza ubutumwa bw’Ubwami.

3. Ni akosho keza akahe dushobora kugira ku bavukanyi bacu?

3 Abavukanyi bacu: Zirikana no ku kosho keza dushobora kugira ku bavukanyi bacu. Umwete dufitiye ubusuku urandukira. Nk’uko icuma gikarisha ikindi, ni ko n’uburyo buteguye neza dukoresha mu gushikiriza inkuru nziza bushobora kuvyurira abandi umutima wo kuryohora ubuhanga bwabo bwo kwamamaza inkuru nziza. (Imig. 27:​17) Umwete tugira mu kwandika ata mahinyu ivyerekeye ababa bagaragaje ko bashimishwa maze tugasubira kubagendera tudatevye, uravyurira abandi umutima wo kubigenza gutyo nyene. Tuzogira akosho keza ku bakozi bagenzi bacu mu kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse.​—⁠2 Tim. 4:5.

4. Ni kubera iki uko haciye igihe dukwiye kuza turasuzuma akarorero dutanga?

4 Uko haciye igihe, ubona gute ugiye urasuzuma ivyo ukora n’ivyo uvuga be n’akosho ugira ku bandi biciye ku karorero utanga? Akarorero keza dutanga kazonezereza Yehova kongere gatume twiyumva nk’uko intumwa Paulo yiyumva igihe yavuga ati: “Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristu.”​—⁠1 Kor. 11:1.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika