Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Ivyabona vya Yehova boba bakwiye guhanahana insiguro zafashwe amajwi canke amasanamu kibure zanditswe?
Insiguro zishingiye kuri Bibiliya ziradukomeza kandi zikaturemesha. (Ibik. 15:32) Ni co gituma ari ibisanzwe umuntu yipfuje gusangira ayo makuru aremesha n’ababa batashoboye kuba ari ho bari. Kubera yuko hasigaye hariho ubuhinga bwinshi bwo gufata amajwi canke amasanamu, insiguro irashobora gufatwa hakoreshejwe ubwo buryo maze igahabwa abandi bitagoranye. Hari abagiye barabika insiguro zitandukanye bafashe muri ubwo buryo, harimwo n’insiguro haheze imyaka myinshi zaratanzwe, baraheza bazitiza abagenzi babo canke babagirira amakopi yazo ata mvo mbi babigiranye. Hari abandi batunganije imihora yo kuri Internet maze bayishirako insiguro kugira ngo uwo ari we wese ashobore kuzimura.
Birumvikana yuko ata worwanya ivyo gufata amajwi canke amasanamu y’insiguro kugira ngo tuzikoreko twebwe ubwacu canke abagize umuryango wacu. Vyongeye, abakurambere boshobora gutunganya ivy’uko insiguro zifatwa amajwi ku bw’abo mw’ishengero bafise ubumuga badashobora kwitaba amakoraniro. Yamara rero, hariho imvo zumvikana zotuma twirinda guhanahana insiguro twafashe amajwi canke amasanamu.
Kubera yuko insiguro akenshi zishikirizwa hisunzwe ivyo abo mw’ishengero kanaka baba bakeneye, biroroshe cane ko twosanga twatahuye ukutari kwo ivyavuzwe mu nsiguro kanaka yafashwe amajwi canke amasanamu, narirya tutaba tuzi ingene ibintu vyari bimeze igihe iyo nsiguro yashikirizwa. Vyongeye, vyotugora kumenya neza na neza uwashikirije iyo nsiguro uwo ari we be n’igihe yayishikirije ku buryo twokwizigira yuko amakuru ashikirizwa muri iyo nsiguro ahuje n’igihe kandi ari ay’ukuri. (Luka 1:1-4) Ikigeretseko, guhanahana insiguro zafashwe muri ubwo buryo canke zanditswe vyoshobora gutuma bamwebamwe bahakwa guhereza ivyiyumviro ku bantu kanaka no kubaha icubahiro mu buryo butabereye, canke na ho bakemera kubigirirwa.—1 Kor. 3:5-7.
Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge arakora agatama kugira ngo atange ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ku “ngero” ibereye kandi ku “gihe kibereye.” (Luka 12:42) Aho harimwo indinganizo y’insiguro zigenewe gushikirizwa mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova hakaba n’ivyafashwe amajwi dushobora kwimura tubikuye kuri wa muhora wemewe ari wo jw.org. Turashobora kwizigira tudakeka yuko wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge be n’Inama Nyobozi imuserukira bazoturonsa ivyo dukeneye kugira ngo dukomezwe mu kwizera.—Ibik. 16:4, 5.