Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 12 Ndamukiza
INDWI ITANGURA KU WA 12 NDAMUKIZA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 19 ing. 21-23 be n’uruzitiro
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 19-22
No. 1: 1 Samweli 21:1-9
No. 2: Dukwiye kubona gute ibintu Yehova yanka? (Imig. 6:16-19)
No. 3: Ubuzima budahera si indoto (td 29A)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Nushikire umutima w’abakwumviriza mu kubaremesha kwiyumvira. Insiguro ishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva ku rupapuro rwa 58, ingingo ya 3, gushika ku mpera y’agatwe gatoyi gatangurira ku rupapuro rwa 59.
Imin. 20: “Niwumvishe abandi igihe ubigisha.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Murangije ingingo ya 4, nusabe umutsimvyi agire umwerekano w’ingene twotanguza inyigisho ya Bibiliya dukoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, hisunzwe inama zatanzwe muri ico kiganiro.