Ibikurubikuru vyo mu murimo wo mu ndimiro
Muri Munyonyo amakoraniro y’ishengero amwamwe yaratanguye kugirwa mu rurimi rw’ibimenyetso i Bujumbura. Vyarabaye ibiremesha kubona abantu 13 b’ibitumva baritavye amakoraniro ico gihe. Abantu barakengurutse cane utwigoro tugirwa n’ishirahamwe rya Yehova kugira ngo rifashe abantu nk’abo kwiga ivyerekeye Yehova be n’umugambi wiwe. Kugira ngo abantu b’ibitumva benshi bashikirwe n’inkuru nziza, haratunganijwe amashure abiri yo kwigisha abavukanyi n’abavukanyikazi bipfuza kumenya ururimi rw’ibimenyetso rw’ikinyamerika, bano bakazoca bafasha gukorera muri ico cibare amahero bongere bafashe mu guhagarikira ayo makoraniro y’ishengero no mu kuyahindura muri urwo rurimi.