Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ruhuhuma: Nimushikirize kimwe muri ibi bisohokayandikiro nimba biriho: Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous?, La Bible : Parole de Dieu ou des hommes?, canke Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo. Ntwarante: Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Abamamaji barakwiye kugumiza ku muzirikanyi ivyo gutanguza inyigisho ya Bibiliya aho baba batanze ico gitabu canke aho abanyamuhana baba bamaze kukironka. Ndamukiza: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, harimwo n’abitaba Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishengero, murihatire gushikiriza igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Intumbero ikwiye kuba iyo gutanguza inyigisho ya Bibiliya.
◼ Abantu bategekanya kugendera ibiro vy’ishami bararemeshejwe gusubira kwihweza ka gatabu kavuga ngo Uburyo bwo kwambara no kwitunganya mu gihe co kugendera Beteli karungikiwe ishengero rimwerimwe ryose. Murashobora kuronka ayandi makopi y’ako gatabu mu kwandikira ibiro vy’ishami canke mu gusaba kamwe kw’iyakiriro ryo kuri Beteli.