Noba nkwije ibisabwa kugira namamaze?
1. Ni kubera iki tudakwiye kubona ko tutabereye mu bijanye no gukwiza ibisabwa kugira twamamaze?
1 Nimba warigeze kwibaza ikibazo nk’ico, emwe, nureme! Si amashure twize canke ubushobozi twaremanywe bituma tuba abakwije ibisabwa kugira tube abasuku. Bamwebamwe mu bigishwa bo mu ntango bavuzwe ko bari abantu “batize kandi basanzwe.” Ariko rero, bari abamamaji b’inkuru nziza babishoboye kubera ko bari biyemeje gukurikiza akarorero Yezu yasize.—Ibik. 4:13; 1 Pet. 2:21.
2. Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyaranga ivyo Yezu yigisha?
2 Ingene Yezu yigisha: Yigisha ibintu bisanzwe, vy’ingirakamaro kandi vyoroshe gutahura. Ibibazo yabaza, ibigereranyo be n’intangamarara zidahanitse yakoresha, vyaratuma abamwumviriza bashira umutima ku vyo yaba ariko aravuga. (Mat. 6:26) Yaritwararika abantu bimwe bivuye ku mutima. (Mat. 14:14) Vyongeye, Yezu yavugana umutima mu nda kandi abigiranye ubukuru, azi yuko Yehova yari yamushinze igikorwa be n’uko yari yamuhaye ububasha bwo kukirangura.—Luka 4:18.
3. Yehova adufasha gute kurangura ubusuku bwacu?
3 Yehova aradufasha: Umwigisha wacu Ahambaye abicishije kw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe, araturonsa ukumenyerezwa dukeneye kugira dushobore kwamamaza neza inkuru nziza. (Yes. 54:13) Kubera ko Yehova yazigamye inkuru ivuga uburyo Yezu yigisha, turashobora kurimbura ubwo buryo yakoresha maze tukabwigana. Yehova araduha impwemu nyeranda yiwe akongera akatumenyereza abicishije ku makoraniro y’ishengero. (Yoh. 14:26) Ikigeretse kuri ivyo, araturonsa abamamaji bazi utuntu n’utundi bashobora kudufasha kurushiriza kuba ababishoboye.
4. Ni kubera iki dufise imvo yo kubona ko dukwije ibisabwa kugira tubwire abandi inkuru nziza?
4 Turafise imvo yumvikana yo kubona ko dukwije ibisabwa kugira twamamaze, kuko “ukuba abakwije neza ibisabwa kwacu kuva ku Mana.” (2 Kor. 3:5) Nitwiheka kuri Yehova tukongera tugakoresha neza tudahemuka intunganyo ziranga urukundo yadushiriyeho, tuzoba ‘ababishoboye neza, dufise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.’—2 Tim. 3:17.