Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 14 Kigarama
INDWI ITANGURA KU WA 14 KIGARAMA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 6-8
No. 1: Yosuwa 8:1-17
No. 2: Ukuntu amazi yahoneje isi—Yoba azosubira kuyihonya? (lr ikig. 46)
No. 3: Kubera iki impanuro iri mu Musiguzi 7:21, 22 ari ngirakamaro?
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: Noba ntinya kubwira abandi ivyo nizera? Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2009, urupapuro rwa 30-31. Nimushiremwo umwerekano w’abavyeyi bariko barakoresha umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango kugira ngo bategure umwana wabo kwishura ibibazo bivyuka kw’ishure. Baragira ubushakashatsi bakongera bakaganira kuri kimwe mu bibazo biri ku rupapuro rwa 31, maze bakagira umwimenyerezo w’ingene uwo mwana yokwishura ico kibazo.
Imin. 15: “Twamamaze tuvyihatira!” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Igihe murimbura ingingo ya 4, nubaze umwamamaji w’Ubwami w’umunyamwete ibibazo bikurikira: Ni ibiki wagize kugira ngo wirinde kuremerwa n’ibintu bidakenewe vyo muri iyi si? Ni mu buryo butandukanye ubuhe wungukiye ku kwamamaza uvyihatira?