Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 26 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 26 GITUGUTU
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
lv amayagwa y’inyongera ari ku rup. 219-221
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 11-13
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Twitegurire gushikiriza Umunara w’Inderetsi be na Réveillez-vous! Nuvuge muri make ibiri mu binyamakuru bishikirizwa muri ukwo kwezi, maze werekane ibiganiro vyoshobora gushimisha abo mu cibare c’aho iwanyu. Nimushiremwo umwerekano umwe aho umuvyeyi afasha umwana kwitegurira ubusuku. Uwo muvyeyi n’uwo mwana baracagura ikiganiro, bakiyumvira ikibazo bashobora kubaza, maze bagahitamwo icanditswe bokoresha. Uwo mwana rero aca agira agakino k’ukuntu yobigenza, akavuga n’ivya ya ntunganyo ijanye n’intererano.
Imin. 10: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Nubaze abumviriza bavuge ibigabane vyo muri ico gitabu bashoboye gukoresha mu buryo ngirakamaro kuruta ibindi mu cibare iwanyu. Igihe batanguza ibiyago muri ico gitabu, ni ikibazo ikihe, ishusho iyihe canke icanditswe ikihe bakoresheje? Nimugire umwerekano wa bumwe muri ubwo buryo.
Imin. 10: Inyishu ku bibazo vyanyu. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Nimusome ivyanditswe vyatanzwe muri urwo ruzitiro mwongere mubiganireko.