Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 21 Nyakanga
INDWI ITANGURA KU WA 21 NYAKANGA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
lv ikig. 10 ing. 9-15, uruzitiro ruri ku rup. 114
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 30-32
No. 1: Guharūra 32:1-15
No. 2: Nitwapfa bizotugendera gute? (lr ikig. 34)
No. 3: Ivyabona vya Yehova ryoba ari idini rishasha? (td 22A)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Twitegurire gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro na Réveillez-vous! yo muri Myandagaro. Umaze kuvuga muri make ibiri muri ivyo binyamakuru, nusabe abumviriza bavuge ibiganiro babona ko vyoshobora guhimbara abantu bo mu cibare be n’igituma babona ko vyobahimbara. Nubasabe bavuge ikibazo bokoresha kugira ngo batanguze ikiyago be n’icanditswe bosoma imbere yuko bashikiriza ivyo binyamakuru. Nimusozere mu kwerekana ingene ikinyamakuru kimwekimwe cose coshikirizwa.
Imin. 10: Igihe hari umuntu avuze ngo, ‘Ntavyo nshaka.’ Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, urupapuro rwa 8. Nutunganye ivy’uko hagira umwamamaji agira umwerekano umwe canke ibiri w’ingene uburyo bwatanzwe muri ako gatabu bwokoreshwa.
Imin. 10: “Nukoreshe Bibiliya ubigiranye ubuhanga.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.