Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 20 Mukakaro
INDWI ITANGURA KU WA 20 MUKAKARO
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abalewi 25-27
No. 1: Abalewi 25:39-54
No. 2: Igituma bigoye gukora ivyiza (lr ikig. 26)
No. 3: Igituma amasengesho amwamwe atemerwa (td 19B)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Nusase Kirisitu bwa mushinge. Insiguro ishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 278, ingingo 1-4.
Imin. 10: Twitegurire gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi na Réveillez-vous! yo muri Ruheshi. Umaze kuvuga muri make ibiri muri ivyo binyamakuru, nusabe abumviriza bavuge ibiganiro bibaza ko vyoshobora guhimbara abantu bo mu cibare be n’igituma babona ko vyobahimbara. Nusabe abumviriza bavuge ikibazo bobaza mu gutanguza ibiyago, be n’icanditswe bosoma imbere yo gushikiriza ibinyamakuru. Nimusozere mu kugira umwerekano w’ukuntu ikinyamakuru kimwekimwe cose coshikirizwa.
Imin. 10: “Iteraniro ry’umuzunguruko rizodufasha kuzigama kamere yacu y’ivy’impwemu.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.