Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 9 Ntwarante
INDWI ITANGURA KU WA 9 NTWARANTE
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 40-42
No. 1: Itanguriro 40:1-15
No. 2: Turakeneye kunanira ibitwosha nabi (lr ikig. 9)
No. 3: Uraba maso ku gatima k’ubwigenge!
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo. Nusabe abamamaji bari mu bumviriza bigane muri make icabonywe kimwe canke bibiri cerekana ukuntu ibinyamakuru vyashikirijwe be n’ico vyavuyemwo.
Imin. 15: Igihe Abandi Badusavye Gusobanura. Insiguro be n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku gatwe gatangura ku rupapuro rwa 177 mu gitabu c’Ishure ry’Ubusuku. Nimugire umwerekano werekana ukuntu umwamamaji yoshobora kwishura uwo bakorana canke uwo bigana abajije ikibazo cerekeye ivyo twemera. Uwo mwamamaji arishura atekanye abigiranye “ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.”—1 Pet. 3:15.
Imin. 15: “Twitegurire Icibutso bimwe binogangije.” Insiguro be n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Nuvuge muri make intunganyo zagizwe ng’aho iwanyu ku bw’Icibutso.