Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 9 Ruhuhuma
INDWI ITANGURA KU WA 9 RUHUHUMA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl rup. 173 ing. 13–rup. 176 ing. 18
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 25-28
No. 1: Itanguriro 25:1-18
No. 2: Wa Mwigisha Ahambaye yarakorera abandi bantu (lr ikig. 6)
No. 3: Inguvu y’ubuzima y’umuntu n’iy’igikoko yitwa impwemu (td 15B)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 8: Agapapuro gashasha k’ubutumire bwerekeye amakoraniro y’ishengero. Insiguro yerekana imice igize ako gapapuro gashasha k’ubutumire be n’ukuntu gakwiye gukoreshwa. Gakwiye guhabwa abo bose bagaragaza ko bashimishwa ku rugero runaka. Nimwerekane ukuntu ako gapapuro k’ubutumire koshobora gukoreshwa mu busuku bw’inzu ku nzu be n’igihe mugira amasubirayo.
Imin. 10: Ivyabonywe bijanye no gutanguza inyigisho za Bibiliya. Nuvuge ivyaranguwe ng’aho iwanyu igihe mwatanguza inyigisho za Bibiliya mu mpera z’umushamvu wacaguwe mu kwezi guheze. Nuremeshe bose kugira uruhara mu gutanguza inyigisho za Bibiliya kuri uwo musi udasanzwe.
Imin. 12: “Isekeza ridasanzwe ryo gutangaza ivyerekeye Icibutso!” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Nimuronse agapapuro kamwe k’ubutumire bw’Icibutso umuntu wese mu bari ng’aho maze mwihweze ibiri muri ko. Nimugire umwerekano w’ukuntu umuntu yotanga ubwo butumire.