Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 12 Nzero
INDWI ITANGURA KU WA 12 NZERO
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl rup. 158 ing. 4–rup. 161 ing. 11
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 6-10
No. 1: Itanguriro 9:1-17
No. 2: Tugume turi maso mu buryo bw’impwemu tubone ikimenyetso c’imisi ya nyuma (td 14B)
No. 3: Ikete ryavuye ku Mana y’urukundo (lr ikig. 2)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 10: Akamaro ko kubona ibintu mu buryo bwiza mu busuku turangura. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Yezu yaradusigiye akarorero keza mu bijanye no kuba yabona abo yabarira inkuru nziza nk’intama zikeneye gufashwa. (Mat. 9:36-38) Naho Ananiya yari yabanje gutinya kuja kuraba Sauli, ni igiki camufashije guhindura ukuntu yabona ibintu? (Ibik 9:13-15) Ukuntu Ananiya yavugishije Paulo vyerekana gute ko yabona ibintu mu buryo bwiza? (Ibik. 9:17) Ni imvo izihe zituma tuyagisha abantu bo mu cibare cacu tubigiranye ukubona ibintu mu buryo bwiza? Ni gute ukubona ibintu mu buryo bwiza bizotuma ubusuku turangura burushiriza kugira ico buvuyemwo? Nubaze ibibazo muri make umwamamaji umwe canke babiri bashitse ku bintu vyiza mu busuku barangura bitumwe n’uko babona ibintu mu buryo bwiza.
Imin. 10: Nutsimbataze “ubuhanga bwo kwigisha.” Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’umurimo canke uwundi mukurambere, ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero 2008, urupapuro rwa 9-10, ingingo ya 3-6. Nushimike ku kuntu bikenewe ko tuzirikana twitonze ku vyanditswe bizosomwa kugira dufashe abo twigana Bibiliya batere imbere mu vy’impwemu.
Imin. 10: “Bazokwumva gute?”a
[Akajambo k’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.