ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp20 no. 2 rup. 4-5
  • Kubera iki dukeneye Ubwami bw’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki dukeneye Ubwami bw’Imana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGENE INTWARO Z’ABANTU ZATANGUYE
  • IBINTU BIGIYE GUSUBIRA MU BURYO
  • Ubwami bw’Imana—Ubutegetsi Bushasha bw’Isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Uburyo Yehova ategeka buremezwa ko ari bwo bubereye!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Kubera iki hariho ibibi n’imibabaro?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
wp20 no. 2 rup. 4-5
Adamu na Eva bariko barihweza isumo ry’amazi mu murima wa Edeni.

Ibiremwa vyose bikiyobokera ubutegetsi bw’Imana, vyarangwa n’ubumwe n’amahoro

Kubera iki dukeneye Ubwami bw’Imana?

Igihe abantu batangura kubaho, Umuremyi wacu, uwitwa Yehova, ni we wenyene yari Umutware. Yategeka abantu abigiranye urukundo. Yarabateguriye ahantu heza cane ho kuba, ni ukuvuga mw’itongo ryo muri Edeni, yongera abaronsa umukimba w’ibifungurwa. Ikigeretseko, yarashinze abantu igikorwa gihimbaye. (Itanguriro 1:28, 29; 2:8, 15) Abantu bari kwiberaho mu mahoro iyo baguma bagamburukira ubwo butegetsi bw’Imana burangwa urukundo.

Adamu yakiriye ca camwa Imana yababuza, agihawe na Eva.

Abantu ba mbere baranse ko Imana ibabera Umutware

Bibiliya ivuga ko hari umumarayika w’umugarariji, uwahavuye yitwa Shetani wa Mucokoranyi, yarwanije uburenganzira Imana ifise bwo gutegeka. Yavuze akikiriza yuko abantu borushirije guhimbarwa badategekwa n’Imana. Ikibabaje, abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva barifatanije na Shetani mu kugarariza Imana.​—Itanguriro 3:1-6; Ivyahishuwe 12:9.

Kubera ko Adamu na Eva bagararije ubutegetsi bw’Imana, baratakaje Iparadizo barimwo be n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera bafise amagara meza. (Itanguriro 3:17-19) Ico kintu bakoze caragize ingaruka no ku bana babakomotseko. Bibiliya ivuga ko kuba Adamu yaracumuye vyatumye ‘igicumuro cinjira mw’isi maze na co gikwega urupfu.’ (Abaroma 5:12) Igicumuro carakweze n’ikindi kintu kibabaje. Nk’uko Bibiliya ivyerekana, “umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Mu yindi mvugo, igihe abantu bitegeka bivamwo ingorane.

INGENE INTWARO Z’ABANTU ZATANGUYE

Nimurodi ahagaze n’ubwibone bwinshi. Inyuma yiwe, hari abantu bariko barubaka.

Nimurodi yaragararije Yehova

Umuntu wa mbere avugwa muri Bibiliya yabaye umutegetsi kw’isi ni Nimurodi, kandi yaragararije ubutegetsi bwa Yehova. Kuva mu gihe ca Nimurodi, abantu bafise ubukuru bagiye barabukoresha nabi. Mu myaka nka 3.000 iheze, Umwami Salomo yavuze ati: “[Narabonye] amosozi y’abahahazwa, mugabo nta muhoza bari bafise; kandi ku ruhande rw’ababahahaza hari ububasha.”​—Umusiguzi 4:1.

N’ubu ni ko bikimeze. Mu 2009, raporo imwe ya ONU yavuze ko biguma birushiriza kwibonekeza yuko gutwara nabi ari “kimwe mu bintu nyamukuru biteza ingorane ziri mw’isi.”

IBINTU BIGIYE GUSUBIRA MU BURYO

Isi irakeneye abatware beza be n’intwaro nziza. Kandi ivyo nyene ni vyo Imana yadusezeraniye!

Amafoto: Ingaruka ziva ku ntwaro z’abantu. 1. Umugore wo muri Aziya yicaye ku kabarabara kabi, ateruye umwana ariko aramuririrako. 2. Umutama arwariye mu bitaro. 3. Abasoda bari ku rugamba bariko bararasa. 4. Abari mu myiyerekano barakaye, bakaba bariko barasemerera bafise n’ivyapa. 5. Umugore n’umukobwa wiwe bahagaze imbere y’inzu yabo, bakaba basanze ibiyo vy’umuryango vyamenaguritse. 6. Igisagara cuzuyemwo ivyuka bizanana mu matiyo, hamwe n’ibitsinga vy’umuyagankuba.

Nta ntwaro n’imwe y’umuntu, mbere naho yoba yari nziza gute, yashoboye gutorera umuti ingorane zikomeye zihanze abantu

Imana yarashinze Ubwami, ni ukuvuga intwaro izosubirira intwaro zose z’abantu, kandi ni bwo ‘bwonyene buzohangama gushika ibihe bidahera.’ (Daniyeli 2:44) Ubwo Bwami ni bwo abantu amamiliyoni bamye basenga basaba. (Matayo 6:9, 10) Ariko Imana si yo ubwayo izoganza ubwo Bwami. Ahubwo, yagenye uwigeze kuba umuntu ngo abe ari we aba Umutware wabwo. None Imana yagenye nde?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika