Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Munyonyo: Hazoshikirizwa igitabu Ivyo Bibiliya yigisha hongere hagirwe akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Igitabu Ubumenyi na co nyene coshobora gushikirizwa kugira umuntu acisomere. Kigarama: Hazoshikirizwa igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Niba abantu bavuze ko bafise abana, nimubashikirize igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nzero: Mu gihe abamamaji basanze ku muhana umuntu afise igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, boshobora kumushikiriza igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 cacapuwe ku mpapuro zishobora gucuya canke ikindi gitabu ico ari co cose cacapuwe imbere yo mu 1992. Ruhuhuma: Nihashikirizwe ibitabu bikurikira nimba bihari. Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, La Bible: Parole de Dieu ou des hommes?, canke Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous?
◼ Abamamaji bose bataruzuza ka gakarata k’urwandiko ntabanduka rujanye n’ivy’ukuvurwa be n’uwovugira umuntu (DPA), basabwe kubigira. Ako gakarata DPA gatuma uburenganzira ufise bwo kutemera guterwa amaraso bwubahirizwa. Abakurambere bazobigufashamwo nimba bikenewe.—Raba inyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2006.
◼ Guhera ku wa 1 Nzero 2009, imvugo ngo “umucungezi muhagarikizi” ntizosubira gukoreshwa. Ico gihe, uwujejwe iryo banga azokwitwa “umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere.”
◼ Iharurwa ry’ibisohokayandikiro vyose be n’ibinyamakuru vyose biri mu bubiko rigirwa uko umwaka utashe rikwiye kugirwa ku wa 31 Kigarama 2008 canke kw’igenekerezo riryegereye cane bishoboka. Iryo harurwa rigirwa nka rimwe nyene umuhuzabikorwa mu vy’ibisohokayandikiro agira ku kwezi ku kwezi, kandi ibitigiri bikwiye kwandikwa kuri rwa rukaratasi rwo kwuzuza ruvuga ngo Itondanuza ry’ibisohokayandikiro (S-18). Igitigiri c’ibinyamakuru biri mu bubiko gikwiye gusabwa uwutanga (abatanga) ibinyamakuru. Umunyamabanga w’ishengero rijejwe guhuza ayandi, akwiye guhagarikira iryo harurwa. We, hamwe n’umucungezi muhagarikizi w’ishengero rijejwe guhuza ayandi bazoshira umukono kuri urwo rukaratasi. Buri muhagarikizi w’ishengero rijejwe guhuza ayandi azoronswa za nkaratasi zo kwuzuza zitatu zivuga ngo Itondanuza ry’ibisohokayandikiro. Turabasavye murungike ku biro vy’ishami ikopi yo hejuru bitarenze igenekerezo rya 6 Nzero. Nimugumize ikopi imwe mu madosiye yanyu. Ikopi igira gatatu na yo, yoshobora gukoreshwa nk’urupapuro rwo gukorerako.