Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Gitugutu: Hazoshikirizwa ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Igihe hari abashimishijwe, nimubashikirize ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?, mwongere mukaganireko mufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Munyonyo: Hazoshikirizwa igitabu Ivyo Bibiliya yigisha hongere hagirwe akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Igitabu Ubumenyi na co nyene coshobora gushikirizwa kugira umuntu acisomere. Kigarama: Hazoshikirizwa igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Niba abantu bavuze ko bafise abana, nimubashikirize igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nzero: Mu gihe abamamaji basanze ku muhana umuntu afise igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, boshobora kumushikiriza igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 cacapuwe ku mpapuro zishobora gucuya canke ikindi gitabu ico ari co cose cacapuwe imbere yo mu 1992.
◼ Kubera yuko ukwezi kwa Munyonyo kuzoba gufise impera z’umushamvu zitanu, kuzoba ari ukwezi kwiza kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.
◼ Ibimenyeshejwe abacungezi bahagarikizi be n’umucungezi w’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi: Urutonde rushasha rw’amakoraniro y’ishengero ruzotangurana n’indwi yo ku wa 29 Kigarama 2008, kandi urwo rutonde rushasha ruzoboneka mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Kigarama 2008. Mu gihe uzoba uriko urarongora Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo muri iyo ndwi, uze urirongore mu buryo buhuye n’ibikurikizwa dusanga mu nyongera iriko Urutonde rw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rwo muri Gitugutu 2009, ahavuga ngo Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Kuri uyo musi, kamere y’ivy’ukuvuga ntizokwihwezwa.
◼ Ya videwo irimwo ibiganiro vyo kurorera ivuga ngo “Pas de sang:la médecine relève le défi” (Ubuvuzi butsinda urugamba rwo kuvura hadakoreshejwe amaraso) izokwihwezwa kw’Ikoraniro ry’umurimo rimwe ryo muri Nzero. Nimba bikenewe, iyo videwo irakwiye gusabwa biciye kw’ishengero vuba bishoboka.