Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 13 Gitugutu
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nuvuge intunganyo zagizwe ng’aho iwanyu ku bijanye n’isekeza ridasanzwe ryo gushikiriza agapapuro k’inkuru nziza rizotangura ku wa 20 Gitugutu, wongere uremeshe bose gutora udupapuro tw’inkuru nziza nimba batarabigira. Nimwihweze muri make uburyo bwo kurabirako mu gutanguza ibiyago, dusanga ku rupapuro rwa 8, mu gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga hamwe na Réveillez-vous! yo muri Nyakanga. Kubera yuko hariho abamamaji batari bake bazoba bashikirije ivyo binyamakuru mu mayinga makeyi imbere y’aho, nubasabe bavuge ivyo biboneye.
Imin. 35: “Urutonde rushasha rw’amakoraniro y’ishengero.”a Nimba umwanya ubibakundiye, nimusome ivyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo, hanyuma uce usaba abumviriza bagire ico babivuzeko.
Indwi itangura ku wa 20 Gitugutu
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami.
Imin. 20: Nugumane umunezero mu busuku. Insiguro iremesha ishingiye ku mayagwa yo mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2005, urupapuro rwa 24-25 ingingo ya 11-17. Nushiremwo ikiganiro co kubaza ibibazo umuntu umwe, canke babiri, amaze igihe kirekire asukurira Yehova adahemuka. Ni ibiki vyabafashije kugumana umunezero mu gihe abantu baba batavyakiriye neza?
Imin. 20: Twitegurire gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga na Réveillez-vous! yo muri Nyakanga. Umaze kuvuga muri make ibiri muri ivyo binyamakuru, nusabe abumviriza bavuge ibiganiro bibaza ko vyoshimisha mu buryo budasanzwe abantu batari bake bo mu cibare canyu, be n’igituma babona ko vyobashimisha. Nubasabe bavuge ikibazo kibereye bategekanya gukoresha mu gutanguza ikiyago, bavuge n’icanditswe co muri ico kiganiro bokoresha imbere yuko bashikiriza ivyo binyamakuru. Umushikirizansiguro nasozere mu kugira umwerekano w’ukuntu ikinyamakuru kimwekimwe cose coshikirizwa, akoresheje uburyo bwo kurabirako mu gushikiriza ibinyamakuru dusanga ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo ubwo ari bwo bwose bubereye bushobora gukwegera abantu bo mu cibare canyu.
Indwi itangura ku wa 27 Gitugutu
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu. Nimusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 30: “Ukwiyigisha Bibiliya be n’ukuyiga mu muryango birahambaye cane!”b Nimba umwanya ubibakundiye, nimusome ivyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo, hanyuma uce usaba abumviriza bagire ico babivuzeko.
Indwi itangura ku wa 3 Munyonyo
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Udukuru twa gitewokarasi. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Gitugutu.
Imin. 20: Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo mu 2009. Umucungezi w’ishure araganira n’abumviriza ku Rutonde rushasha rw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi nk’uko ruboneka munsi y’umutwe uvuga ngo “Ibikurikizwa” biri mu nyongera y’iki Gikorwa dukorera Ubwami. Nushimike ku vyahindutse. Nuremeshe bose kwitwararika babigiranye umwete gushikiriza neza ibiganiro baba bashinzwe, kwitegurira gutanga insasanuro mu vyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya no kwitwararika gushira mu ngiro inama bahabwa buri ndwi n’umucungezi w’ishure zishingiye ku gitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi.
Imin. 15: Nuryohore ‘ubuhanga bwawe bwo kwigisha.’ Umucungezi w’umurimo canke uwundi mukurambere abishoboye, niyerekane yongere agire ico avuze muri make ku bintu bitanu nyamukuru bikenewe kugira umuntu yigishe mu buryo ngirakamaro, nk’uko biri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero 2008 ku rupapuro rwa 9-12, ingingo ya 5-18. Nubaze ibibazo umwamamaji umwe canke babiri babona yuko ayo makuru yabafashije kuryohora ubuhanga bwabo bwo kwigisha.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.