Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Myand.
“Ingorane zikomeye zo mu bidukikije ziriko zituma abantu benshi bihebura ku vyerekeye kazoza k’isi. Wewe ubibona gute? [Rindira yishure, uce usoma Zaburi 37:11.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino imvo zimwezimwe zishingiye ku Vyanditswe zotuma umuntu abona ko ibintu bizogenda neza.”
Réveillez-vous! Myand.
“Abantu benshi barabona neza yuko iyongerekana ry’ubushuhe ririko riraba hirya no hino kw’isi rigeramiye ubuzima kuri uno mubumbe wacu. Wewe wibaza ko iyo ngorane izotorerwa umuti gute? [Rindira yishure, uce usoma Yesaya 11:9.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma tudakwiye kwibaza niba hazogera igihe iyi si ntibe ikibako abantu.”
Umunara w’Inderetsi 1 Myand.
“Woba wemera yuko kugamburuka iri tegeko rya Yezu vyotuma mu muryango harushiriza kuba agahimbare? [Soma Yohani 13:34. Rindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana ukuntu inyigisho za Yezu be n’akarorero yatanze vyerekeye umwe wese mubagize umuryango.” Mwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 16 n’urwa 17.
Réveillez-vous! Myand.
“Woba wibaza yuko intwaro z’abantu zizoshobora gutorera umuti ingorane ijanye n’iyongerekana ry’ubushuhe ririko riraba hirya no hino kw’isi? [Rindira yishure, uce usoma Yeremiya 10:23.] Uzoryoherwa no gusoma iki kiganiro. Kirerekana ukuntu Imana izotorera umuti ingorane zibangamiye uwu mubumbe wacu.”