ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/08 rup. 2
  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Udutwe
  • Indwi itangura ku wa 8 Nyakanga
  • Indwi itangura ku wa 15 Nyakanga
  • Indwi itangura ku wa 22 Nyakanga
  • Indwi itangura ku wa 29 Nyakanga
  • Indwi itangura ku wa 6 Gitugutu
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 9/08 rup. 2

Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Indwi itangura ku wa 8 Nyakanga

Ururirimbo rwa 204

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nusabe abumviriza bavuge ibiganiro vyo mu binyamakuru biherutse gusohoka vyashimishije abantu bo mu cibare canyu. Nubasabe kandi bavuge ibibazo be n’ivyanditswe bakoresheje kugira ngo batanguze ibiyago bishingiye kuri ivyo biganiro. Nimugire imyerekano yerekana ukuntu ikinyamakuru kimwekimwe cose coshikirizwa.

Imin. 15: Nufashe abatohoji ba Bibiliya gucika abigisha. Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero 2007, urupapuro rwa 29-30, ingingo ya 14-20. Nimushiremwo umwerekano mugufi werekana umwamamaji ariko arasigurira umutohoji wa Bibiliya mushasha ukuntu insiguro ya bose be n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi bigirwa, yongere amutumire kuvyitaba.

Imin. 20: Ukuntu twokwihanganira umwikeko mu busuku bwacu. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku makuru yasohowe mu bisohokayandikiro yerekana ukuntu umwikeko woshobora kugira ico ukoze ku busuku turangura. Nusigure ukuntu umwikeko nk’uwo woshobora gutsindwa. Mu bihe bimwebimwe, uburyo twebwe ubwacu twigenza haba mu busuku bwo mu ndimiro canke mu yindi mirimo turangura mu buzima, birashobora gufasha cane kugira ngo dutsinde umwikeko uturuka ku batwitegereza, bikongera bigafasha mu gutuma bakira n’ukuri. Birahambaye cane rero ko tuguma ducungera ivyo tuvuga be n’ukuntu twigenza. (1 Pet. 2:12; 3:1, 2) Nuvuge ivyabonywe bikeyi vyarobanuwe mu vyo ng’aho iwanyu canke vyasohowe mu bisohokayandikiro vyacu vyerekana ukuntu umwikeko woshobora gutsindwa.

Ururirimbo rwa 127

Indwi itangura ku wa 15 Nyakanga

Ururirimbo rwa 94

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami.

Imin. 20: Twakoze gute mu mwaka uheze? Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriza ishikirizwa n’umucungezi w’umurimo canke uwundi mukurambere abishoboye. Niwihweze ibikorwa ishengero ryaranguye mu busuku mu mwaka w’umurimo uheze, ivyo ubigire mu kwibanda ku bintu vyiza vyaranguwe. Nuvuge amajambo abereye yo gukeza. Nutegekanye imbere y’igihe ivy’uko umwamamaji umwe canke babiri bigana icabonywe ico ari co cose kiremesha biboneye. Nuvuge ikintu kimwe canke bibiri ishengero rishobora gukora muri uyu mwaka twaraye dutanguye, maze utange inama ngirakamaro z’ukuntu ico kintu coryohorwa.

Imin. 15: Noshobora gute gusigura ivyo nemera bijanye n’irema? Insiguro ishingiye ku makuru yasohowe mu bisohokayandikiro vyacu. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu basiguye ivyo bemera bijanye n’irema bari kw’ishure, ku kazi canke ahandi hantu aho ari ho hose. Hoshobora gutunganywa imbere y’igihe ivy’uko umuntu umwe canke babiri bagira ico bavuze.

Ururirimbo rwa 51

Indwi itangura ku wa 22 Nyakanga

Ururirimbo rwa 104

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu.

Nusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Nuce irya n’ino ibiri mw’ikete rivuye ku biro vy’ishami riri ku rupapuro rwa 1.

Imin. 20: Igikorwa cawe kizoherwa. Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2005, kuva ku rupapuro rwa 28, ingingo ya 6, gushika ku mpera y’urupapuro rwa 29. Nushiremwo ikiganiro kigufi c’ukubaza ibibazo aho umwamamaji umwe canke babiri b’abanyamwete bagira ico bavuze ku vyerekeye ukuntu Yehova yabaronkeje ivyo bari bakeneye mu vy’umubiri no mu vy’inyiyumvo.

Imin. 15: Twitegurire gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro na Réveillez-vous! yo muri Myandagaro. Nimwihweze muri make ibiri muri ivyo binyamakuru, maze ubaze abitavye ikoraniro ibiganiro vyoshimisha cane abantu bo mu cibare canyu. Ni ibibazo ibihe be n’ivyanditswe ibihe vyoshobora gukoreshwa mu gutanguza ibiyago bishingiye kuri ivyo biganiro? Nimugire umwerekano werekana ukuntu uburyo bwo gutanguza ibiyago bwo kurabirako dusanga mu Gikorwa dukorera Ubwami bwokoreshwa. Nusabe umwe mu bakurambere agire umwerekano mugufi yateguye afatiye ku kiganiro kinaka co muri ivyo binyamakuru abona ko kibereye mu cibare canyu.

Ururirimbo rwa 190

Indwi itangura ku wa 29 Nyakanga

Ururirimbo rwa 45

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Nyakanga. Nutegekanye imbere y’igihe ivy’uko umwamamaji umwe canke babiri bigana ibintu biremesha vyabashikiye bariko baramamaza akaryo kizanye mu gihe c’ihwaniro ry’intara, mu buruhuko canke mu bindi bihe vyo muri aya mezi yo mu ci.

Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.

Imin. 20: “Isekeza ridasanzwe ryo gushikiriza agapapuro k’inkuru nziza: 20 Gitugutu–16 Munyonyo.”a Nimba utwo dupapuro tw’inkuru nziza tumaze kuboneka, nimuhe agapapuro kamwekamwe umwe wese mu bitavye ikoraniro. Igihe murimbura ingingo ya 2, nimwihweze muri make ibiri muri ako gapapuro k’inkuru nziza. Igihe murimbura ingingo ya 4, nimugire umwerekano werekana ukuntu umuntu yoshikiriza ako gapapuro. Igihe murimbura ingingo ya 5, nimugire umwerekano werekana ingene umwamamaji akoresha ako gapapuro k’inkuru nziza kugira ngo atanguze inyigisho ya Bibiliya igihe asubiye kugendera uwo bari baganiriye.

Ururirimbo rwa 9

Indwi itangura ku wa 6 Gitugutu

Ururirimbo rwa 15

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu.

Imin. 15: Inyishu ku bibazo vyanyu. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimushiremwo insasanuro zishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2005, urupapuro rwa 20-22, ingingo ya 10-16.

Imin. 20: “Niwigishe abandi gukunda Yehova.”b Nimba umwanya ubibakundiye, nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo.

Ururirimbo rwa 132

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika