Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 12 Rusama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 4 canke ubundi buryo bwo gushikiriza ibinyamakuru bubereye mu cibare canyu, nimugire umwerekano w’ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza be na Réveillez-vous! yo muri Ndamukiza.
Imin. 15: Turashobora kwihanganira ikigeragezo ico ari co cose! Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku 15 Ruheshi 2005, urupapuro rwa 30-31. Nusabe abumviriza batowe imbere y’igihe bagire ico bavuze ku bijanye n’ukuntu Yehova yabafashije kwihanganira ingorane yinaka.
Imin. 20: Woba ushobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu gihe c’uburuhuko? Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Nimwihweze ibiri ku rupapuro rwa 112-113 mu gitabu Twagizwe ishirahamwe, ahavuga ibisabwa kugira ngo umuntu abukore. Nusabe abafashe ikonji kugira bakore ubutsimvyi bwo gufasha bavuge imihezagiro bahakuye. Nusabe abakoze ubutsimvyi bwo gufasha mu gihe c’uburuhuko bavuge ukuntu abandi bantu babaremesheje bongera barabafasha. Ubutsimvyi bwo gufasha bwabafashije gute gutera imbere mu vy’impwemu? Ni ibintu biteye umunezero ibihe biboneye? Nuremeshe abo bose bakwije ibisabwa kurimbura ivyo gukora ubutsimvyi mu gihe c’uburuhuko.
Indwi itangura ku wa 19 Rusama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Inyishu ku bibazo vyanyu.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: “Urashobora kwironkera ubutunzi!”a Nuvuge ibisabwa kugira umuntu abe umutsimvyi asanzwe, biri ku rupapuro rwa 113-114 mu gitabu Twagizwe ishirahamwe. Abipfuza gutangura gukora ubutsimvyi ku wa 1 Nyakanga bakwiye gutanga urukaratasi rwo kubusaba vuba bishoboka.
Indwi itangura ku wa 26 Rusama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Musome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza yuko intererano mwatanze zashitse. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Rusama. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 4 canke ubundi buryo bwo gushikiriza ibinyamakuru bubereye mu cibare canyu, nimugire umwerekano w’ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza be na Réveillez-vous! yo muri Ndamukiza.
Imin. 15: “Mwishireko ingǒgo yanje.”b Nimba umwanya ubakundiye, nimusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe yamara bitasubiwemwo.
Imin. 20: Nimushikirize igitabu Ivyo Bibiliya yigisha muri Ruheshi. Insiguro be n’imyerekano. Nimwihweze uburorero bumwebumwe bwo gushikiriza inkuru nziza buri mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2006. Nimushiremwo umwerekano ugizwe n’imice ibiri. Nimwerekane ingene ico gitabu coshobora gushikirizwa hanyuma muce mwerekana ingene umuntu yosubira kugendera uwo yagihaye afise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya.
Indwi itangura ku wa 2 Ruheshi
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 20: Abakora ibikorwa biranga ubwizigirwa bararonka imihezagiro myinshi. (Imig. 28:20) Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriza ishikirizwa n’umunyamabanga. Nuvuge muri make ukuntu Yehova yahezagiye utwigoro ishengero ryagize two kwongereza igikorwa muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama wongere urikeze. Numenyeshe igitigiri c’abakoze ubutsimvyi bwo gufasha, inyigisho za Bibiliya zatangujwe uko zingana be n’ibindi bintu vyiza vyashitsweko mu busuku. Nusabe abumviriza bavuge ivyo biboneye bifitaniye isano n’Icibutso be n’isekeza ryo gutanga ubutumire. Ivyabonywe bidasanzwe mu murimo wo mu ndimiro vyoshobora gusubirwamwo mu buryo bw’agakino. Nubaze ibibazo bikeyi abamamaji babiri canke batatu, bavuge ibintu biteye umunezero biboneye bariko barakora ubutsimvyi bwo gufasha.
Imin. 15: “ ‘Tube abiteguriye igikorwa ciza cose.’ ”c Nusabe abumviriza bavuge ukuntu bitegurira ubusuku bw’inzu ku nzu be n’igihe babigira.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.