Isubiramwo ryo mw’ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 28 Ndamukiza 2008. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 3 Ntwarante gushika ku ndwi itangura ku wa 28 Ndamukiza 2008.
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Ni kubera iki bihambaye ko twubakira insiguro zacu ku mayagwa yatanzwe, kandi twobigira gute? [be rup. 234 ing. 1–rup. 235 ing. 1]
2. Ni kubera iki bihambaye cane ko dukoresha ibibazo igihe twigisha? [be rup. 236 ing. 1-5]
3. Ibibazo bishobora gute gufasha abatwumviriza kuzirikana ku kiganiro kinaka? [be rup. 237 ing. 3–rup. 238 ing. 1]
4. Igihe twigisha, ni kubera iki gukoresha ibibazo mu buryo burimwo ubuhanga bihambaye kugira ngo tuvome inyiyumvo ziri mu mutima w’uwutwumviriza? (Imig. 20:5; Mat. 16:13-16; Yoh. 11:26) [be rup. 238 ing. 3-5]
5. Agaciro ko gukoresha ingereranyo igihe turiko turigisha ni akahe? (Ita. 22:17; Yer. 13:11) [be rup. 240 ing. 1-3]
IKIGANIRO NO. 1
6. Ni ingingo ngenderwako zimwezimwe zitanga ubuyobozi izihe zishirwa ahabona mu gitabu ca Mariko zodufasha kugira tuzoronke ubuzima igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza? [bsi08-1 rup. 7 ing. 32]
7. Impwemu nyeranda ifasha gute abasavyi b’Imana muri iki gihe? (Yoh. 14:25, 26) [be rup. 19 ing. 2-3]
8. Inyungu ihambaye kuruta izindi zose iva ku gusoma ni iyihe? [be rup. 21 ing. 3]
9. Kwiga bisaba iki? [be rup. 27 ing. 3–rup. 28 ing. 1]
10. Ni gute Injili ya Luka ituma umuntu arushiriza kwizigira ivyo Imana yahumetse biri mu Vyanditswe vy’igiheburayo? [bsi08-1 rup. 10 ing. 30-31]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Ni kubera iki Yezu yakosoye umugabo umwe kubera ko amwise “Umwigisha mwiza”? (Mrk. 10:17, 18) [w08 15/2 “Ijambo rya Yehova ni rizima—Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Mariko”]
12. Yezu yakoresheje igiti c’umusukoni kugira ngo yerekane iki ku bijanye n’ihanga rya Isirayeli (Mrk. 11:12-14, 20, 21)? [w03 15/5 rup. 26 ing. 2-3]
13. Amajambo umumarayika Gaburiyeli yavuze igihe yamenyesha Mariya ko ‘yosamye inda’ impwemu nyeranda imujeko n’ububasha bw’Imana bukamutwikira, yerekanye iki? (Luka 1:30, 31, 34, 35) [w08 15/3 “Ijambo rya Yehova ni rizima—Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Luka”; it-2-F rup. 20 ing. 3]
14. Abigishwa ba Yezu boba vy’ukuri bariko barakora ‘ikizira gukorwa kw’isabato’? (Luka 6:1, 2) [gt 31]
15. Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko yatanguye kubona Shetani “amaze gukoroka”? (Luka 10:18) [w04 1/8 rup. 28]