Igihimba 3—Ibibazo vyo kwiga vy’igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ubuyobozi bujanye no kwiga igitabu Umwigisha
Kugira ngo wige neza ico gitabu, ingingo z’ikigabane kimwekimwe cose nuzishireko inomero, ushizemwo n’ingingo zo mu ntangamarara. Ingingo ziba zafatiwe hamwe zikwiye gusomerwa rimwe. Mu gihe c’inyigisho, Ivyanditswe biri ku mpera y’ikigabane birashobora kuganirwako igihe bibereye.
Igihe ico gitabu gikoreshwa mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero, hakwiye kwigwa ibigabane bibiri buri ndwi, intangamarara igafatwa nk’ikigabane ca mbere. Ico gitabu kizokwigwa mu ndwi 25, mu ndwi ya nyuma hazokwigwa ikigabane ca 48 hagirwe n’isubiramwo ritoyi ry’ico gitabu.
Ikigabane ca 32
Ingingo ya 1-9
1. Yehova yitwararika gute ko utwana tw’inyoni dukingiwe?
2. Ni ryari Yezu yakeneye ugukingirwa mu buryo budasanzwe kandi ni nde yari kumukingira?
3. Yehova yakingiye Umwana wiwe gute ngo ntiyicwe?
Ingingo ya 10-13
4. Ni bande muri kino gihe bameze nka Yezu igihe yari umwana mutoyi, kandi ni kubera iki bakeneye gukingirwa?
5. Shetani n’amadayimoni bagerageza gute kugirira nabi abana bakiri bato?
6. Ni bande bonyene bashobora guhuza ibitsina mu buryo bwemewe, kandi ni uguhuza ibitsina ukuhe Imana yiyamiriza?
Ingingo ya 14-17
7. Ni bande boshobora kugerageza gusambanya abana, kandi bagerageza gute kubaryosharyosha?
8. Abana bashobora gute kwikingira abantu bagerageza gukora ibintu vy’ubuhumbu?
9. Abavyeyi bashobora gukora iki kugira ngo bakingire abana babo?
Ikigabane ca 33
Ingingo ya 1-8
1. Muri iki gihe abantu benshi babona gute Yezu, ariko mu vy’ukuri ameze gute?
2. Igihe Yezu yari kumwe n’abigishwa biwe mu bwato, yerekanye gute ko yari afise ububasha bukomeye?
3. Ni kubera iki abigishwa ba Yezu batari bakwiye gutinya?
Ingingo ya 9-14
4. Ni ibiki vyabaye igihe haduka ikindi gihuhusi?
5. Ni kubera iki ico gihe Yezu yakoze ivyo bitangaro vyiza ukuraho?
Ingingo ya 15-16
6. Muri iki gihe Yezu akoresha gute ububasha afise?
7. Ni ibitangaro ibihe bizoba muri kazoza dushobora kwitegana igishika?
Ikigabane ca 34
Ingingo ya 1-4
1. Dushobora gute kumenya ibishikira umuntu igihe apfuye?
2. Ivyo Yezu yavuze ku bijanye na Lazaro, vyerekana iki ku vyerekeye urupfu?
Ingingo ya 5-10
3. Yezu yakoze iki igihe yari ku mva ya Lazaro?
4. Ni ibiki vyashitse igihe Yezu yasemerera n’ijwi rirenga ati: “Lazaro, ngwino, sohoka!”?
Ingingo ya 11-16
5. Umuntu iyo apfuye, bimugendera gute?
6. Tuzi dute ko Lazaro atari yagiye mw’ijuru?
7. Tuzi dute ko ata bugingo bubandanya kubaho umuntu amaze gupfa?
Ingingo ya 17-19
8. Ni ibiki abantu bo mu karere iwanyu bemera ku bijanye n’urupfu?
9. Inkuru ya Lazaro idufasha gute kudatinya abapfuye?
Ikigabane ca 35
Ingingo ya 1-4
1. Tuzi dute ko Yehova afise umutima ukunze wo kuzura abapfuye kandi ko na Yezu awufise?
2. Abana babiri bazuwe gute kera cane imbere y’uko Yezu avuka?
3. Ni kubera iki dushobora kwemera tudakeka ko Yehova azotwibuka nitwamara gupfa?
Ingingo ya 5-11
4. Ni igiki cashikiye agakobwa ka Yayiro, kandi ni igiki Yezu yagakoreye?
5. Ni igiki dushobora kwigira kuri iyo nkuru yo muri Bibiliya?
Ingingo ya 12-18
6. Izuka ry’umuhungu w’umupfakazi umwe ryerekana gute ko Yezu afise umutima ukunze wo kuzura abapfuye?
7. Wibaza ko nyina w’uyo muhungu yari yazuwe yumvise amerewe gute, kandi ni ryari abandi bantu bazomererwa gutyo?
Ikigabane ca 36
Ingingo ya 1-6
1. Amazuka avugwa muri Bibiliya yerekana iki?
2. Ni kubera iki abatari abagororotsi bazozurwa kandi bazoba hehe?
3. Izuka rizoba ryari ngaha kw’isi, kandi ni ibiki bizoshika ico gihe?
Ingingo ya 7-11
4. Ni ibiki twigira ku muhango Yezu yahaye ya nkozi y’ikibi ujanye no kubana na we mw’Iparadizo?
5. Ni mu buhe buryo Yezu azobana n’iyo nkozi y’ikibi mw’Iparadizo?
6. Ni kubera iki Yezu azoreka ngo uwahoze ari inkozi y’ikibi abe mw’Iparadizo?
Ingingo ya 12-17
7. Tumenya dute ko abazutse bose batazoba kw’isi?
8. Ni bangahe bazoba bari mu mugabane w’ “ukuzuka kwa mbere”, kandi bazokora iki?
9. Ni kubera iki kuba mw’Iparadizo ngaha kw’isi bizoba ari akaroruhore?
Ikigabane ca 37
Ingingo ya 1-7
1. Ni ikintu ciza cane ikihe Imana yatugabiye?
2. Ni kubera iki umwe wese muri twebwe akeneye uwundi muvyeyi?
3. Ni mu buhe buryo Yezu ashobora kuba umuvyeyi wacu akongera akaba Umukiza wacu?
4. Incungu ni iki, kandi ni kubera iki tuyikeneye?
Ingingo ya 8-15
5. Mw’ijoro ry’imbere y’uko Yezu apfa, yahuriye hamwe n’abigishwa biwe ku bw’uguhimbaza iki?
6. Ni ihimbaza irihe Yezu yaciye atanguza ryari rigiye gusubirira Pasika?
7. Ni ibimenyetso ibihe Yezu yakoresheje muri iryo himbaza rishasha, kandi vyagereranya iki?
8. Iryo himbaza rishasha ridufasha kwibuka iki?
Ingingo ya 16-18
9. Ni ibiki dukwiye kuba turiko turiyumvira igihe twitavye Icibutso?
10. Ni bande bakwiye gufungura ku mukate no kunywa ku muvinyu, kandi kubera iki?
11. Ni kubera iki abatavyihereza na bo nyene bakwiye kuba ariho bari?
Ikigabane ca 38
Ingingo ya 1-5
1. Ni igiki Yezu yadukijije?
2. Ni bande Yezu yapfiriye?
3. Imana ibona gute abantu bari kw’isi?
Ingingo ya 6-12
4. Ni ibiki vyashikiye Yezu mw’ijoro rya buca apfa?
5. Dondora ivyabaye ku musi wakurikiye.
6. Yezu yari atandukaniye hehe na Adamu?
Ingingo ya 13-16
7. Paulo yerekanye gute ko akenguruka urukundo Kristu yamukunze?
8. Ni impamvu ihambaye iyihe yotuma dukunda Yezu?
9. Dushobora kwerekana gute ko tubaho tunezereza Kristu?
Ikigabane ca 39
Ingingo ya 1-4
1. Wibaza ko Yehova yumvise amerewe gute igihe Yezu yicwa?
2. Ni igiki Yezu yari yizigiye adakeka?
3. Yezu yazuwe akurwa hehe, kandi yamaze igihe kingana iki yapfuye?
Ingingo ya 5-13
4. Nudondore ivyabaye ku musi wa gatanu igihe Yezu yapfa.
5. Yezu yazutse afise umubiri umeze gute, kandi mu nyuma abantu bashoboye gute kumubona?
6. Ni ibiki vyashitse ku w’iyinga igihe Yezu yazuka?
Ingingo ya 14-17
7. Yezu yamaze igihe kingana gute aboneka afise imibiri y’inyama itandukanye, kandi ni ibiki vyashitse mu nyuma?
8. Abantu benshi muri kino gihe bahimbaza gute izuka rya Yezu, mugabo dushobora gute kwigana abayoboke biwe bo mu ntango?
Ikigabane ca 40
Ingingo ya 1-3
1. Ni igiki Imana itadushakako, mugabo dushobora kuyikorera iki?
2. Ni kubera iki Yehova ataturemye nk’ikimashini kugira dukore ivyo we ashaka ko dukora?
Ingingo ya 4-7
3. Imana yumva imerewe gute igihe dukoze ivyo igomba?
4. Ni kubera iki ihitamwo tugira ku bijanye n’uwo twokorera rihambaye haba kuri Yehova canke kuri Shetani?
Ingingo ya 8-15
5. Ni ibiki Shetani yakoreye Yobu?
6. Wibaza ko Yehova yumvise amerewe gute igihe Yobu yaguma ari intahemuka?
7. Ni akarorero akahe Yezu yadusigiye kandi dushobora gute kumwigana?
Ikigabane ca 41
Ingingo ya 1-7
1. Ni gute Yezu yatumye igihe kimwe abavyeyi biwe bahagarika umutima?
2. Ni ibiki Yezu yakoze igihe yari akiri umwana vyatumye abavyeyi biwe hamwe n’Imana bahimbarwa?
Ingingo ya 8-12
3. Ni ibiki umwana ashobora gukora muri iki gihe bigatuma Imana ihimbarwa?
4. Dushobora gute kumenya abasavyi b’Imana abo ari bo?
Ingingo ya 13-18
5. Akarorero ka Timoteyo gashobora gute gufasha abakiri bato?
6. Ni igiki dushobora kwigira ku karorero ka ka kigeme k’Akisirayelikazi?
7. Ni umugambi mwiza uwuhe abakiri bato bokwishingira?
Ikigabane ca 42
Ingingo ya 1-6
1. Tuzi dute ko atari bibi kwinezereza?
2. Ni igikorwa ikihe Bibiliya itubwira ko Yezu yize gukora kandi wibaza ko ari kubera iki yari umuhanga muri co?
3. Ni kubera iki gukora vyari vyiza kuri Yezu, kandi ni kubera iki ari vyiza kuri twebwe muri iki gihe?
Ingingo ya 7-13
4. Ni kubera iki Yezu yari umuntu anezerwa?
5. Igikorwa kidasanzwe Yezu yakora igihe yari ngaha kw’isi cari ikihe, kandi yumva amerewe gute ku bijanye n’ukugikora?
6. Ni igikorwa ikihe abana bashobora gukora muri iki gihe, kandi ni kubera iki gishobora kugirira akamaro umuryango?
Ingingo ya 14-16
7. Ni kubera iki gukora udukorwa two kw’ishure bihambaye?
8. Ni kubera iki tudakwiye gutinya gukora?
9. Ni ikibazo gihambaye ikihe kijanye n’ugukora dukwiye kwibaza?
Ikigabane ca 43
Ingingo ya 1-7
1. Ni ibiki tuzi ku bijanye na benewabo na Yezu be na bashikiwe bo mu buryo bw’umubiri?
2. Ni bande Yezu yavuze ko ari nyina na bene nyina, kandi yashaka kuvuga iki?
3. Benewabo na Yezu bashobora kuba bamufata gute mu ntango?
Ingingo ya 8-14
4. Ni uturorero utuhe dusanga muri Bibiliya tw’abavukana batakundana?
5. Ni icigwa ikihe dukwiye kwigira kuri Kayini na Abeli?
Ingingo ya 15-18
6. Urukundo ni iki, kandi kurugaragaza bihambaye ku rugero rungana iki?
7. Dushobora gute kwerekana ko dukunda abavukanyi n’abavukanyikazi bacu?
Ikigabane ca 44
Ingingo ya 1-5
1. Dushobora gute kuba abagenzi b’Imana, nka Aburahamu?
2. Yezu yarondera abagenzi bameze gute?
3. Bamwebamwe mu bagenzi ba hafi ba Yezu bari bande?
Ingingo ya 6-10
4. Ni kubera iki Yezu yagendera abantu bose?
5. Zakayo yari nde, kandi vyagenze gute ngo abe umugenzi wa Yezu?
Ingingo ya 11-15
6. Ni kubera iki tugendera abantu batari abagenzi bacu?
7. Ni bande dukwiye kugira abagenzi ba hafi?
8. Dushobora gute kumenya umuntu yotubera umugenzi mwiza?
9. Abo tugendana bashobora gute kugira ico bakoze ku buzima bwacu?
Ikigabane ca 45
Ingingo ya 1-8
1. Ubwami bw’Imana n’iki, kandi ni ibiki tuzi ku bijanye n’Umutware wabwo?
2. Ni mu buryo ki Ubwami bwari hafi mu gihe ca Yezu?
3. Ni igikorwa gihambaye ikihe Yezu yakoze igihe yari ngaha kw’isi kandi ni bande bamufashije kugikora?
Ingingo ya 9-14
4. Ni bande bipfuza ko Yezu ababera Umwami, ariko ni bande batavyipfuza?
5. Ni bande bashaka kwica Yezu, kandi boheje gute abantu?
6. Abantu biyumva gute ku bijanye na Yezu muri iki gihe?
Ingingo ya 15-20
7. Dushobora kwerekana gute ko dukunda Imana?
8. Mu kubatizwa, Yezu yari yerekanye iki, kandi Imana yerekanye gute ko imushima?
9. Ni kubera iki na twebwe nyene dukwiye kubatizwa, kandi ni igikorwa ikihe dukwiye kubandanya dukora tumaze kubatizwa?
Ikigabane ca 46
Ingingo ya 1-11
1. Igihe Bibiliya ivuze iti: “Isi irikw irashira”, iba ishaka kwerekana iki?
2. Ni ibiki abantu bakora imbere y’uko Umwuzure uza, kandi ni kubera iki Yezu yavuze yuko dukwiye kumenya ivyo bintu?
3. Ni ubuyobozi ubuhe Imana yahaye Nowa, kandi ni ibiki vyashitse igihe Umwuzure waza?
Ingingo ya 12-19
4. Ni icigwa ikihe dukura ku bintu vyakorwa n’abantu b’imbere y’Umwuzure?
5. Ni igiki Imana izokoresha mu guhonya abantu b’abanyakibi, kandi ni kubera iki izobahonya?
6. Harumagedoni ni iki, kandi ni nde azoba ayirongoye?
Ikigabane ca 47
Ingingo ya 1-11
1. Abantu bomenye gute ko Yezu yamaze kugaruka maze agatangura kuganza mw’ijuru?
2. Ni icigwa ikihe Yezu yariko arigisha igihe yavuga ivy’igiti c’umusukoni?
3. Ni ibintu ibihe bijanye n’ikimenyetso Yezu yatanze biriko biraranguka muri iki gihe?
Ingingo ya 12-16
4. Ikimenyetso Yezu yatanze gisobanura iki?
5. Igihe Yezu yavuga ivyo kugerageza guhunga mu rushana, ni icigwa ikihe yariko arigisha?
Ikigabane ca 48
Ingingo ya 1-8
1. “Ijuru risha” n’ “isi nsha” bisobanura iki?
2. Ukoresheje ivyanditswe be n’amafoto, nudondore ukuntu kuba mw’isi nshasha y’Imana bizoba bimeze.
Ingingo ya 9-15
3. Ni kubera iki kwironsa ubumenyi bwo muri Bibiliya bihambaye kugira ngo tuze tubeho ibihe bidahera?
4. Uretse ubumenyi, ni ikindi kintu ikihe gikenewe niba dushaka kuba mw’isi nshasha y’Imana?
5. Iki gitabu gishobora gute kudufasha kubaho ibihe bidahera?