Aho igikorwa co kwubaka ibiro vy’ishami vyo muri Tanzaniya kigeze
Turahimbawe no kubamenyesha ko igikorwa kijanye no kwubaka inyubakwa nshasha z’ishami ryo ngaha muri Tanzaniya kiriko kiragenda neza.
Naho ibikorwa nyamukuru biriko birakorwa n’ikompanyi y’ubwubatsi twapatanye y’aha muri Tanzaniya, ubu hariho umugwi ugizwe n’abavukanyi hamwe n’abavukanyikazi 20 baturuka mu bihugu 8 bakora kugira ngo ubwo bwubatsi bugende neza. Abo bavukanyi usanga ahanini baraba ko izo nyubakwa ziriko zubakwa neza be n’uko intererano twaronse z’amahera zikoreshwa neza.
Muri Zaburi 127:1 hagira hati: “Uhoraho iy’atari we yubaka inzu abayubaka baba baruhira ubusa”. Biragaragara ko Yehova ariko arahezagira ico gikorwa co kwubaka abasavyi biwe bariko barakora, ico na co kikaba gituma ca gikorwa Yezu yategeka abayoboke biwe gukora kijanye no kwamamaza be no kwigisha, kirushiriza gutera imbere kw’isi yose. Gupatana igikorwa si ikintu gishasha ku basavyi ba Yehova. Nk’akarorero Salomo yarapatanye na Hiramu Umwami w’i Tiro ngo umuzanire ibiti vy’amasederi n’ivy’akajwari kugira ngo yubake urusengero.
Yehova yoba yarahezagiye iyo ndinganizo? Mu 1 Abami 8:10, 11 haravuga ibijanye n’ukuntu ubuninahazwa bwa Yehova, ubwagereranijwe n’igicu c’igipfungu, bwuzuye muri urwo rusengero rumaze kurangira igihe bariko bararumwegurira. Muri ubwo buryo nyene, turabona ikimenyamenya c’uko Yehova ariko arahezagira igikorwa cacu c’ubwubatsi kiriko kirangurirwa ngaha muri Tanzaniya.
Nk’uko vyamenyeshejwe amashengero yose mw’ikete yarungikiwe, iyo kompanyi y’ubwubatsi yatanguye ico gikorwa ku wa 2 Rusama 2006. Kuva ico gihe haramaze gukorwa ibintu vyinshi cane.
Izo nyubakwa nshasha zigizwe n’inyubakwa zitatu z’uburaro z’igorofa imwimwe zirimwo ivyumba vy’abantu 56, Ingoro y’Ubwami izokoreshwa n’umuryango wa Beteli be n’amashengero ahegereye, inyubakwa y’igorofa imwe y’ibiro bijejwe umurimo, iyo akaba ari yo irimwo imesuriro, icumba c’uburiro be n’igikoni. Uretse izo, tuzoba dufise inyubakwa yagutse ishikiramwo ibitabu, be n’inyubakwa irimwo ibikoresho n’amamashini bizokoreshwa n’inzego zitandukanye mu bikorwa bijanye no kubungabunga izo nyubakwa igihe zizoba zarangiye. Hazoba hariho itangi ry’amazi rijamwo amalitiro 50.000 be n’inyubakwa irimwo ibikoresho biyungurura amazi be n’ivyuma vyacu bwite vyo guhingura ibizi birimwo umwanda biva muri izo nyubakwa. Gushika ubu, izo nyubakwa zose ushizemwo n’ibisenge zararangiye kandi igikorwa co gusozera imbere kiriko kiragenda neza.
Vyinshi mu bikoresho dukoresha mu kwubaka ni ivyo ng’aha nyene. Ariko rero, ibikoresho vyinshi bijanye n’amatara be n’amazi biva hakurya y’amazi. Abavukanyi bacu bo mu yandi mashami barafasha mu bijanye no kurondera aho twokura ivyo bikoresho vyo gushira muri iyo Beteli nshasha yacu, kubigura no kubirungika. Turakenguruka vy’ukuri iyo mfashanyo turiko turaronka biciye ku muryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.
Nk’uko iyo kompanyi yabiteguye, izo nyubakwa z’ishami zizoba zarangiye hagati ya Munyonyo na Kigarama 2007. Dusenga dusaba ko Yehova yobandanya guhezagira igikorwa cacu be n’agatima mwebwe abavukanyi n’abavukanyikazi mubandanya kugaragaza mu gushigikira ivy’Ubwami.
Abavukanyi banyu,
Ibiro vy’ishami vyo muri Tanzaniya