Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 12 Munyonyo
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bwo gushikiriza ibinyamakuru bubereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu be na Réveillez-vous! yo muri Gitugutu. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru vyose bikwiye gutangirwa icarimwe, naho nyene kimwe gusa ari co cerekanwa.
Imin. 15: “Amafeza n’ayanje, n’amazahabu nyene n’ayanje”. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2007, urupapuro rwa 17-21. Nimba ico kinyamakuru mutagifise, nimukoreshe ikiganiro kivuga ngo “Bubaka bunze ubumwe ku bwo gushemeza Imana” co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2006, urupapuro rwa 17-21.
Imin. 20: “Tugende nk’abantu b’inkerebutsi”.a Nimba umwanya ubibakundiye, nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo mu majambo.
Indwi itangura ku wa 19 Munyonyo
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu be n’Udukuru twa gitewokarasi. Nimuvuge ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Kigarama, mwongere mugire umwerekano w’ingene kimwe coshikirizwa.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: “Ntukareke kubikora!”b Igihe murimbura ingingo ya 5, nushiremwo insasanuro z’abiganye Bibiliya n’abantu bahavuye baza mu kuri. Ni mu buryo ki kurongora inyigisho ya Bibiliya itera imbere bihimbaye kandi bimara akanyota? Umuntu umwe canke babiri muri abo, yoshobora kuba yategekanijwe imbere y’igihe.
Indwi itangura ku wa 26 Munyonyo
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Soma raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro wo muri Munyonyo. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bwo gushikiriza ibinyamakuru bubereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu na Réveillez-vous! yo muri Gitugutu.
Imin. 15: Woba ushobora kwaguka mu rukundo? Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2007, urupapuro rwa 9-11.
Imin. 20: Yemwe bakiri bato: Mushobora gute gushemeza Yehova? Ikiganiro co guhana ijambo hakoreshejwe ibibazo vyatanzwe, gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2005, urupapuro rwa 26-28, ingingo ya 15-19. Igihe murimbura ingingo ya 18, nusabe abakiri bato bari mu bumviriza bigane ukuntu mw’ishure babwiye inkuru nziza abanyeshure canke abigisha.
Indwi itangura ku wa 3 Kigarama
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimwihweze Inyishu ku bibazo vyanyu.
Imin. 15: Ishure risohora abantu bagirira akamaro abari hirya no hino kw’isi. Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2006, urupapuro rwa 10-13. Nushiremwo ikiganiro co kubaza ibibazo abakurambere canke abakozi b’ishengero abo ari bo bose bari mw’ishengero bitavye rya Shure rimenyereza abasuku. Iryo shure ryabafashije gute gutera imbere bakaba abamamazanjili, abungere be n’abigisha? Nuremeshe abavukanyi bakwije ibisabwa ngo barimbure ivyo kwishingira umugambi wo kwitaba iryo Shure rimenyereza abasuku.
Imin. 15: “Turabwira abandi icizigiro dufise c’Ubwami”.c Nimba umwanya ubibakundiye, nusabe abumviriza kugira ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo mu majambo.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.