Réveillez-vous! idasanzwe tuzoshikiriza muri Munyonyo
1 Abantu benshi barafise ibibazo bitarimwo uburyarya ku vyerekeye agaciro ka Bibiliya. Niba abantu ari bo bayanditse, ishobora gute none kwitwa Ijambo ry’Imana? Ni kubera iki nkwiye kwizigira ko yoyobara intambuko zanje? Umwanya nomara n’akigoro nogira ndiko ndasoma Bibiliya nongera ndayiga, vyovamwo iki? Ni impinduro ya Bibiliya iyihe nkwiye gukoresha? Ivyo ni bimwebimwe mu bibazo vyishurwa muri iyo Réveillez-vous! idasanzwe yo muri Munyonyo ivuga ngo “Woba ushobora kwizigira Bibiliya?”.
2 Tuzoshima gutanga iyo Réveillez-vous! idasanzwe ku rugero runini mu cibare cacu. Niba bishoboka, uze ugire uruhara mu busuku bw’inzu ku nzu uri kumwe n’ishengero buri wa gatandatu muri ukwo kwezi kwa Munyonyo. Uze wereke iyo Réveillez-vous! incuti zawe, ababanyi bawe, abo mukorana, abigisha, abo mwigana be n’abo uzosubira kugendera. Urazitwaza mu gihe uzoba ugiye gusuma canke ufashe urugendo. Kugira ngo ishengero rizobe rifise Réveillez-vous! zihagije, hazoba hariho amakopi yayo yiyongereye ku yo mwahora muronka.
3 Nutanguze inyigisho ya Bibiliya: Niba utanze ico kinyamakuru, urashobora gucira inzira inyigisho ya Bibiliya imbere y’uko usozera ikiyago. Nk’akarorero, woshobora kuvuga uti: “Ninagaruka, noshima kukwereka inyishu Bibiliya itanga kuri iki kibazo kigira giti: ‘Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye iyi si?’ ”. Uzoce usubirayo ujanye ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha maze umwereke ku rupapuro rwa 4-5, canke musuzumire hamwe ingingo ya 1-3 mu kigabane ca 3. Canke woshobora kuvuga uti: “Ninagaruka, noshima ko tuganira ku buhanuzi bunaka bwo muri Bibiliya buriko buraranguka muri iki gihe”. Usubiyeyo, numwereke ikigabane ca 9 c’ico gitabu, maze musuzumire hamwe ingingo ya 1-3. Canke woshobora gusa kubwira uwo muriko muraganira uti: “Abantu benshi birabagora gutahura ivyo basoma muri Bibiliya. Ninagaruka, noshima kukwereka ukuntu ushobora kurushiriza gutahura Bibiliya”. Usubiyeyo, nuce ukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha maze umwereke ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa.
4 Bibiliya ni yo yonyene irimwo “ivyanditswe vyeranda”, ibishobora kutugira “inkerebutsi ku bw’ubukiriro” (2 Tim. 3:15). Ku bw’ivyo, twese tuzoshima gutanga iyo Réveillez-vous! idasanzwe tubigiranye umwete kugira ngo dufashe abantu kwizigira Bibiliya.