Réveillez-vous! idasanzwe tuzoshikiriza muri Nyakanga
1 Hafi abantu bose barahimbarwa igihe bumviriza utunyoni turiko turaririmba be n’igihe bihweza ikirengazuba. Yamara, abenshi usanga batemera ko ari Umuvyeyi munyarukundo wo mw’ijuru yabiremye. Tuzoronka akaryo k’imbonekarimwe ko gutangaza yuko Yehova ari we Muremyi, mu gushikiriza Réveillez-vous! idasanzwe (Yes. 40:28; 43:10). Iyo Réveillez-vous! yo muri Nyakanga izoba ivuga gusa ibijanye n’iciyumviro kigira giti: “Hoba hariho Umuremyi?”.
2 Mu cibare: Nimba bishoboka, nuringanize ukuntu wojana n’ishengero mu busuku bw’inzu ku nzu imisi yose ku wa gatandatu. Ariko ntiwumve, urashobora gushikiriza ico kinyamakuru kidasanzwe ikindi gihe ico ari co cose mu ndwi. Abigisha be n’abandi bakora mu gisata c’ivy’indero, wosanga ari bo canecane boshimishwa n’ico kinyamakuru. Ni co gituma hakwiye kugirwa indinganizo zidasanzwe zijanye no kugendera bene abo bantu bari mu cibare canyu.
3 Mu gihe hari uwushimishijwe, nusige umubajije ikibazo uzokwishura ugarutse kumugendera. Nk’akarorero, womubaza ikibazo kijanye n’igituma Umuremyi munyarukundo yoreka abantu bagacumukura cane gutya. Ugarutse rero kumugendera, womwereka ikigabane ca 1 canke ikigabane ca 11 c’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Canke woshobora guhitamwo ikibazo kijanye n’umugambi Umuremyi afitiye isi, maze usubiye kugaruka mukazosuzuma ikigabane ca 3.
4 Kw’ishure: Nimba ukiri ku ntebe y’ishure, ubona gute weretse iyo Réveillez-vous! idasanzwe abigisha bawe be n’abanyeshure mwigana hanyuma ugaca uyibagabira? Upfuye gusa gushira ico kinyamakuru hejuru ku ntebe yawe, vyoshobora gutuma bakubaza ibibazo bijanye n’ivyo twemera. Kumbure wosanga uronse uturyo two gusigura ibijanye n’ukwizera kwawe mu gihe c’ibiganiro bishikirizwa mw’isomero ukoresheje ivyo wasomye muri ico kinyamakuru, canke igihe utegura ivyo babasavye kwandika ku ciyumviro kinaka. Kugira ngo bagufashe, ikiganiro “Urwaruka ruribaza” co muri ico kinyamakuru gifise umutwe uvuga ngo “Noshobora gute gusigura ivyo nemera bijanye n’irema?”.
5 Turavye ivyo Yehova yaremye, birabereye ko tumutera iteka tukongera tukamuninahaza (Ivyah. 4:11). Turashobora gutera iteka Umuremyi wacu kandi tugafasha abandi kubigenza gutyo mu gushikiriza ikinyamakuru Réveillez-vous ! co muri Nyakanga tubigiranye umwete.