Icibutswa kidufitiye akamaro
“Mu bihugu bitari bike haravugwa ivyerekeye imigwi y’abantu baterateranya amahera barondera gushika ku migambi itandukanye. Muri rusangi, baza baragira amanama canke ibiteramo uko haciye igihe kinaka, bakabigirira mu mihana itandukanye, aho usanga bose baca bafasha umuryango umwe wo muri uwo mugwi mu kuwugurana canke mu kuwuha amahera kugira urangure ikintu gisaba amahera menshi. Ni ingingo ngenderwako zimwezimwe izihe zo muri Bibiliya umukirisu yorimbura kugira ngo amenye impagararo yogira muri ivyo? Zimwe muri izo ngingo ngenderwako zoshobora kuba izi: iyo mu Banyefeso 5:3, 5 ivuga ibijanye n’umwina, iyo mu Baroma 13:8 no mu Migani 22:7 ivuga ibijanye n’ugufata amadeni, iyo mu 1 Ab’i Korinto 15:33 no mu 1 Ab’i Korinto 6:14,15 ivuga ibijanye n’abo twifatanya canke kugiranira amasezerano, iyo mu Banyefeso 5:18 be no muri 1 Petero 4:3 ivuga ibijanye n’ukuborerwa canke kugira ibiteramo umukirisu ari kumwe n’abatizera. Izo ngingo ngenderwako zirahagije ku buryo ubwozo zodufasha gushika ku vyiyumviro bibereye”.
Haraciye imyaka itari mike ico cibutswa gitanzwe. Kuva ico gihe hari abantu benshi bakiriye ukuri. Kubera ko ivy’ubutunzi vyifashe nabi cane mw’isi ya kino gihe, benshi muri twebwe bazokenguruka ico cibutswa. Igihe umwe mu bagize ishengero akenye, abavukanyi boshobora gufasha ku giti cabo. Mu bihe bimwebimwe, abakurambere bo mw’ishengero barashobora gutunganya imfashanyo yinaka.