Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 13 Myandagaro
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bwo gushikiriza inkuru nziza bubereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro na Réveillez-vous! yo muri Mukakaro. Mu mwerekano umwe, umwamamaji nakoreshe imwe mu nama ziri mu ngingo ya 3 ku rupapuro rwa 3 rw’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ndamukiza 2007 mu kuvyura ikibazo azokwishura ubutaha. Nuvuge ibijanye na “Porogarama y’Iteraniro ry’umuzunguruko ryimirije”. Numenyeshe igenekerezo ry’iteraniro ry’umuzunguruko ryimirije, nimba rimaze kumenyekana.
Imin. 15: Twungukire ku kuyoboka urutonde rwa gitewokarasi. Insiguro n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku kigabane ca 15 c’igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba.
Imin. 15: “Dusenge Yehova uko tugize umuryango”.a Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu bungukiye ku kugira uruhara mu busuku uko bagize umuryango. Ibizovugwa n’umuntu umwe canke babiri bishobora gutegurwa imbere y’igihe.
Ururirimbo rwa 48 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 20 Myandagaro
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nuvuge ibijanye na “Porogarama y’Umusi w’iteraniro ridasanzwe ryimirije” wongere umenyeshe igenekerezo iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe ryimirije rizoberako, nimba rimaze kumenyekana.
Imin. 15: Muri Nyakanga tuzotanguza inyigisho ya Bibiliya igihe tugendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Uguhana ijambo n’abumviriza. Muri Nyakanga tuzoshikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha twongere twihatire kuganira ku ngingo nkeya n’uwo twasanze ku muhana tugendeye ari bwo bwa mbere. Nimusubiremwo inama ziri mu nyongera yo mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2006, mwongere mugire umwerekano umwe canke ibiri yerekana ukuntu umuntu yotanguza inyigisho ya Bibiliya igihe agendeye umuntu ari bwo bwa mbere.
Imin. 20: “Ukuntu Inyigisho y’igitabu y’ishengero idufasha”.b Igihe murimbura ingingo ya 5, nushiremwo insasanuro zo mu gitabu Twagizwe ishirahamwe ku rupapuro rwa 41, ingingo ya 2.
Ururirimbo rwa 6 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 27 Myandagaro
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Soma raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bwo gushikiriza inkuru nziza bubereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro na Réveillez-vous! yo muri Mukakaro.
Imin. 10: ‘Murondere abagenzi biciye ku butunzi butagororotse’. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1994, urupapuro rwa 13-18 (mu gifaransa).
Imin. 25: “Umugambi mwiza twokwishingira muri uyu mwaka mushasha w’umurimo”.c Nubaze ibibazo umwamamaji umwe canke babiri baherutse gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Ni ibiki bahinduye ku ntonde zabo? Ni ivyiza ibihe bahakuye? Nimba bishoboka, umwe muri abo babazwa ibibazo akwiye kuba umuntu yashoboye gukora ubwo butsimvyi bwo gufasha kubera ko abo mu rugo iwabo bamufashije bakongera bakamushigikira. Igihe muganira ku ngingo ya 9, nuvuge amagenekerezo umucungezi w’umuzunguruko azogarukirako kubagendera nimba azwi.
Ururirimbo rwa 196 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 3 Nyakanga
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu be n’amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Udukuru twa gitewokarasi. Nimwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo yo muri Myandagaro.
Imin. 15: “Turaha agaciro uduteka twatewe”.d Niba umwanya ugukundiye, nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo.
Imin. 20: Icibutswa kidufitiye akamaro be n’Inyishu ku bibazo vyanyu.e
Ururirimbo rwa 2 n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.