ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/07 rup. 4
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 4/07 rup. 4

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

NKA kumwe kwa Yezu, dusenga Imana dukobeje duti: “Izina ryawe ni [“ryezwe”, NW]”. Icipfuzo gikomeye dufise co kubaho duhuza n’iryo sengesho kigaragarira mu buryo twebwe Ivyabona vya Yehova tubayeho. Ariko ntiwumve, hariho n’ibindi vyinshi dusabwa uretse ukuba tuzi izina ry’Imana. Dukwiye kutagisha akaryo na kamwe ko kuninahaza iryo zina. Kanatsinda, kwitwa Icabona ca Yehova ni ko gateka gahambaye kuruta utundi twose umwe wese muri twebwe akwiye kunezerererwa.—Mat. 6:9; Yes. 43:10.

Mu buryo buhuye na Zaburi 110:3, abasavyi ba Yehova baritanga babikunze mu gikorwa yategetse ko kibwirizwa kurangurwa. Ni kuki abantu b’uburyo bwose bitanga mu gikorwa co kwamamaza? Babitumwa ahanini n’urukundo bakunda Imana be no kuba bayiyobokera. Mu Gusubira mu vyagezwe 6:5, 6 hadutegeka gukundisha Imana ‘imitima yacu yose, n’ubugingo bwacu bwose, n’inkomezi zacu zose’. Urwo rukundo ruvuye ku mutima ni rwo rutuma dukoresha umwanya wacu, inkomezi zacu n’ubutunzi bwacu mu guteza imbere ivyungura Ubwami bw’Imana, ibirimwo no kugira uruhara mu busuku uko dushoboye kwose, bivanye n’uko ivyacu vyifashe.

Urukundo Yehova akunda abantu ni rwo rwatumye ashinga ko inkuru nziza y’Ubwami bwiwe yamamazwa kw’isi yose. Ntagomba ko hagira abahona, ariko agomba ko bose bigaya bakareka kwigenza nabi maze bagahindukirira Umuremyi wabo kugira ngo babeho (2 Pet. 3:9). Yehova avuga ati: “Simpimbarwa n’uk’umunyavyaha apfa, atar’uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho” (Ezk. 33:11). Igihe turi mu gikorwa co kwamamaza, tuba dutanze ikimenyamenya cibonekeza c’uko Yehova akunda abandi bantu nkatwe. Nta gukeka ko iyo ari imwe mu mpamvu zituma duhimbarwa tukongera tugashira akanyota igihe tugize uruhara muri ico gikorwa gihambaye.

Urukundo rugera kure dukunda Yehova ruragaragarira kandi mu kuntu tubona Ijambo ryiwe ryahumetswe, ari ryo Vyanditswe Vyeranda. Iyo ataba Bibiliya ntitwari kumenya Imana no kuyiyegereza nk’uko muri Yakobo 4:8 habiduhimiriza. Ntitwari no kumenya igituma turi ngaha kw’isi be n’ico kazoza katubikiye. Ntitwari kandi kumenya ko sogokuruza wacu Adamu ari we nkomoko y’ingorane zacu (Rom. 5:12). Bisubiye, ntitwonamenye urukundo rugera kure Imana yadukunze mu gutanga Umwana wayo w’ikinege ngo atubere incungu. No mu bundi buryo butandukanye, hari ukuntu Yehova ariko araturonsa ubumenyi, ubukerebutsi be n’ugutahura biva kuri we. Ese ukuntu duha agaciro ingabirano yaduhaye, ari ryo Jambo ryiwe ryahumetswe n’impwemu! Ukuba dukenguruka iyo ngabirano nziza igitangaza bituma ‘twicungurira umwanya ubereye’ wo gusoma, kwiga, no kuzirikana ku vyo avuga (Ef. 5:15, 16, NW; Zab. 1:1-3). Ntidukwiye kwigera twicuza kubera umwanya duhebera ugusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi. Ahubwo nyabuna, urwo dukunda Imana ni rwo rukwiye gutuma dukunda Ijambo ryayo, gutyo tukarushiriza kuyimenya no kuyikunda bimwe bigera kure.

Twarize muri Bibiliya yuko igihe Adamu yacumura kuri Yehova, abomukomotseko bose, na twebwe turimwo, yabakwegeye ibintu bibabaje kandi bituma babaho ata cizigiro bafise. Ariko rero, Imana yari ishoboye gutunganiriza abantu uburyo bwo gukira izo ngorane, kandi yarabigize mu kugira ico ikoze kugira ngo umugambi ifitiye iyi si uranguke.—Ita. 3:15.

Nta gukeka ko umwe wese muri twebwe ari n’icipfuzo gikomeye co kweza izina ryiza ry’Imana yacu. Uko turushiriza kumenya ukuntu Yehova ari Imana nziza igitangaza ni ko turushiriza kuvyurirwa umutima wo gukora duhuza na we be n’ishirahamwe ryiwe mu gutuma izina ryiwe rihambaye be n’umugambi wiwe bimenyekana. Turizigira tudakeka ko adutonesha akongera akaduhezagira ubu be n’uko tuzobaho ibihe bidahera mw’isi nshansha.

Twebwe abagize Inama Nyobozi, twagomba kubamenyesha ko tubafitiye urukundo, bavukanyi namwe bavukanyikazi bacu bakundwa. Twagomba kandi kubakengurukira bimwe bivuye ku mutima kubera utwigoro dukomeye mugira mu gukoresha umwanya usigaye imbere y’uko [“amakuba akomeye”, NW] ashika, kugira ngo mushikire abantu benshi bashoboka mubashiriye inkuru nziza (Ivyah. 7:14). Mu kubigenza gutyo, muba mubaronkeje akaryo nk’ako namwe mwaronse, kakaba ari ako kuronka ubumenyi bwerekeye Imana na Kristu bujana mu buzima budahera.—Yoh. 17:3.

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika