Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 30 Ndamukiza 2007. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 5 Ntwarante gushika ku ndwi itangura ku wa 30 Ndamukiza 2007. [Ibimenyeshejwe: Aho ata marabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo, muzokenera kwigirira ubushakashatsi bwanyu kugira ngo mutore inyishu.—Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 36-37.]
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Dushobora gute kuguma tworoheje urucacagu rw’insiguro yacu? [be rup. 168 ing. 3]
2. Vuga uburyo bune twotondekamwo amayagwa kugira ngo dushobore kuyashikiriza mu buryo bwumvikana. [be rup. 170 ing. 3–rup. 172 ing. 4]
3. Ni ibintu ibihe dukwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe duhitamwo ivyo twoshira mu nsiguro yinaka? [be rup. 173 ing. 1-2]
4. Ni ivyiza bimwebimwe ibihe biva ku gushikiriza insiguro ataho uyisoma? [be rup. 175 ing. 3-5]
5. Ni kubera iki kuvuga nk’uwuyaga bihambaye, kandi iyo kamere twoyitsimbataza gute? [be rup. 179 ing. 4, uruzitiro; rup. 180, uruzitiro]
IKIGANIRO NO. 1
6. Umuvukanyi akwiye kwitegura gute igihe ashinzwe kuzoshikiriza ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu gusoma Bibiliya kw’umushamvu? [be rup. 47 ing. 3-4]
7. Ku vyerekeye incungu ya Kristu, ni ikintu ikihe gihambaye cane kuruta ivyiza turonka biciye kuri yo? [w05 1/11 rup. 14 ing. 1]
8. Umuntu akwiye gukoresha gute Ivyanditswe vyatanzwe mu nsiguro y’icese? [be rup. 53 ing. 1-2]
9. Igihe Yezu yigisha, ni intumbero iyihe yari afise, kandi twomwigana gute? [be rup. 57 ing. 1]
10. Ni kubera iki gukoresha ibihushane ari ngirakamaro mu kwigisha? [be rup. 57 ing. 3-4]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Dushobora gute kwihatira gushira mu ngiro impanuro dusanga muri Yeremiya 6:16 idusaba kugendera mu ‘nzira za kera, mu nzira nziza’?
12. Ni kubera iki Yehova yahisemwo gukoresha igisiga sarumfune mu guha icigwa Abayuda bari bahemutse, kandi ni icigwa ikihe twohakura? (Yer. 8:7)
13. Dushobora gute gushira mu ngiro ibivugwa muri Yeremiya 15:17 ku bijanye n’ukuntu tubona ivyo kwinezereza muri iki gihe?
14. Ni mu buryo ki abantu bameze nk’ibumba riri mu maboko y’Umubumvyi Mukuru, Yehova? (Yer. 18:5-11)
15. Ni kubera iki ukuntu amahanga avugwa muri Yeremiya 25:17-26 atondetse biri n’ico bivuze muri iki gihe cacu?