Igihimba 2—Ibibazo vyo kwiga vy’igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ubuyobozi bujanye no kwiga igitabu Umwigisha
Kugira ngo wige neza iki gitabu, ingingo z’ikigabane kimwekimwe cose nuzishireko inomero, ushizemwo n’ingingo zo mu ntangamarara. Ingingo ziba zafatiwe hamwe zikwiye gusomerwa rimwe. Mu gihe c’inyigisho, Ivyanditswe biri ku mpera y’ikigabane birashobora kuganirwako igihe bibereye.
Igihe ico gitabu gikoreshwa mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero, hakwiye kwigwa ibigabane bibiri buri ndwi, intangamarara igafatwa nk’ikigabane ca mbere. Ico gitabu kizokwigwa mu ndwi 25, mu ndwi ya nyuma hazokwigwa ikigabane ca 48 hagirwe n’isubiramwo ritoyi ry’ico gitabu.
Ikigabane ca 16
Ingingo ya 1-6
1. Ni ingorane iyihe umugabo umwe yaseruriye Yezu yidogera mwene nyina?
2. Ni umugani uwuhe Yezu yaciye kugira ngo yerekane ukwiyumvira kutari kwo uwo mugabo yari afise? (Soma Luka 12:16-21)
Ingingo ya 7-13
3. Ni gute abantu benshi, baba abato canke abakuze, bameze nk’uwo mugabo w’umutunzi?
4. Ni igiki gihambaye kuruta ibintu vy’umubiri, mugabo abantu benshi muri iki gihe, cokimwe na wa mutunzi, berekana gute ibihambaye cane kuruta ibindi kuri bo?
5. Ni kubera iki tudakwiye kumera nka wa mugabo w’umutunzi wo mu mugani wa Yezu?
Ingingo ya 14-17
6. Kuba umutunzi ku Mana bisobanura iki?
7. Ni akarorero keza akahe Yezu yaduhaye?
8. Yezu yaronse impembo iyihe kubera yari umutunzi ku Mana?
Ikigabane ca 17
Ingingo ya 1-8
1. Akabanga ko kugira agahimbare ni akahe?
2. Ni kubera iki Yehova yitwa “Imana ihimbawe”?
3. Ni ibiki twoshobora guha abandi?
Ingingo ya 9-12
4. Ni igiki Yezu n’intumwa ziwe bari bashoboye gutanga?
5. Ni igiki Paulo na Luka bahaye abandi, kandi ni kubera iki Lidiya yagize umunezero wo kugira ico abasubije?
Ingingo ya 13-16
6. Dukwiye kubona gute ivy’ugutanga, kandi kubera iki?
7. Ni kubera iki umugore umwe akenye yahimbawe no gutanga ivyo afise vyose?
8. Twoshobora kugira “akamenyero ko gutanga” mu buryo butandukanye ubuhe, kandi ni ibiki dushobora kwitega ko bivamwo?
Ikigabane ca 18
Ingingo ya 1-5
1. Dukwiye gukora iki igihe abandi badukoreye ibintu vyiza?
2. Umunyamibembe aba ameze gute, kandi ni kubera iki abanyamibembe bigizwa kure mu gihe ca Yezu?
3. Yezu yafashe gute abanyamibembe?
Ingingo ya 6-12
4. Ni igiki Yezu yabwiye ba banyamibembe cumi bariko baramusaba ngo abakize, kandi ni kubera iki yababwiye kubigenza gutyo?
5. Ni igiki cerekanye ko abo banyamibembe biyumvira ko Yezu yari gushobora kubakiza?
6. Ni igiki cashikiye ba banyamibembe igihe bari ku nzira baja kuraba abaherezi?
7. Wa mugabo w’Umusamariya yari atandukanye gute na barya bandi icenda?
Ingingo ya 13-18
8. Dushobora gute kwigana wa mugabo yagaruka kuri Yezu hanyuma akamushimira?
9. Ni kubera iki bihambaye ko dukengurukira abantu batugiriye ibintu vyiza?
Ikigabane ca 19
Ingingo ya 1-5
1. Ni ibiki Yezu yavuze ku bijanye no kuba indemeshamahoro, mugabo ni igiki gituma rimwe na rimwe bitugora kubigira?
2. Igihe Abasamariya banka kugaragariza ubuntu abigishwa ba Yezu, ni igiki Yakobo na Yohani baciye bashaka gukora?
Ingingo ya 6-12
3. Mu Migani 24:29 havuga iki ku bijanye no kwihora?
4. Amajambo Yezu yavuze ari muri Matayo 5:39 dukwiye kuyatahura gute?
5. Mu gihe tubonye ingorane, vyotubera vyiza duciye dukora iki, kandi kubera iki?
Ingingo ya 13-17
6. Mu Migani 26:17 havuga iki, kandi kwita mu vy’abandi bantu bariko bararwana bisa no kugira iki?
7. Abantu bakunda kugira iki igihe hari abariko bararwana, mugabo umukirisu akwiye gukora iki, kandi kubera iki?
Ikigabane ca 20
Ingingo ya 1-7
1. Yezu abona gute abantu bama bashaka kuba ab’imbere?
2. Ni inkuru iyihe Yezu yiganye, kandi kubera iki?
3. Iyo nkuru ya Yezu yashaka kuvuga iki?
4. Ni igiki gikunda gushika igihe hari umuntu agerageje kuba uw’imbere?
Ingingo ya 8-15
5. Gushaka kuba uw’imbere vyateye gute ingorane hagati y’abigishwa ba Yezu igihe bari ku nzira baja i Yeruzalemu?
6. Yezu yavuze ko umuntu ashaka kuba uw’imbere akwiye gukora iki?
7. Dushobora gute gukora nk’umushumba akorera abandi?
Ikigabane ca 21
Ingingo ya 1-10
1. Kwiyemera bishaka kuvuga iki, kandi ubona gute abantu biyemera?
2. Ni inkuru iyihe Yezu yiganye yerekeye Umufarizayo n’umutozakori?
3. Icigwa Yezu yariko arigisha muri iyo nkuru yiwe cari ikihe?
Ingingo ya 11-19
4. Ni ryari Petero yiyemeye, kandi ni gute abantu benshi muri iki gihe biyemera?
5. Ni kubera iki ata mvo n’imwe yumvikana ihari yotuma umuntu yiyemera?
6. Ni nde wenyene dukwiye kwemera mu kumuhaya, kandi kubera iki?
Ikigabane ca 22
Ingingo ya 1-6
1. Yezu yashaka kwerekana iki igihe yavuga amajambo ari muri Matayo 5:37?
2. Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyabaye inyuma gatoyi y’urupfu rwa Yezu?
Ingingo ya 7-13
3. Ni ikintu kibi ikihe Ananiya na Safira bakoze, kandi ni igiki cabashikiye?
4. Inkuru ya Ananiya na Safira itwigisha iki?
Ingingo ya 14-18
5. Ni kubera iki kubesha ari bibi?
6. Ni ryari twoshobora kugeragezwa ngo tubeshe?
7. Bibiliya itugabisha gute ku bijanye no kutigera tubesha?
Ikigabane ca 23
Ingingo ya 1-8
1. Yezu yari hehe igihe bamuzanira umugabo amugaye?
2. Ni kubera iki vyari bigoye ko uwo mugabo amugaye ashikira Yezu, kandi amaherezo yamushikiriye gute?
3. Ni igiki Yezu yagiriye uwo mugabo amugaye?
Ingingo ya 9-14
4. Ico gitangaro Yezu yakoze mu gukiza uwo mugabo amugaye kitwigisha iki?
5. Vyagenze gute ngo abantu bose babe abanyavyaha?
Ingingo ya 15-18
6. Ni kubera iki abantu bamwe barwara cane kuruta abandi?
7. Ni mu buryo bumwe ubuhe dushobora gukurwako icaha, kandi tuzogira amagara ameze gute icaha cacu nicakurwaho?
Ikigabane ca 24
Ingingo ya 1-13
1. Ni ibiki bishobora gutuma umuntu yiba?
2. Ni nde yatanguye kuba umusuma, kandi yivye iki?
3. Ni icipfuzo kibi ikihe twese dutegerezwa kwirinda?
4. Icipfuzo kibi Yuda Isikariyoti yari afise camushikanye ku gukora ibintu bibi ibihe?
Ingingo ya 14-21
5. Akani yacitse gute igisuma?
6. Ni gute Dawidi n’umuhungu wiwe Abusalomu bivye ibintu bitari ivyabo?
7. Imana ibona gute ubwoko bwose bw’ubusuma?
8. Ni igiki kizodufasha kutigera tuba abasuma?
Ikigabane ca 25
Ingingo ya 1-8
1. Ni kubera iki twese bishika rimwe na rimwe tugakora ibintu bibi?
2. Ni ibintu bibi ibihe Sauli yakoze, kandi kubera iki?
Ingingo ya 9-15
3. Ni ibiki vyashikiye Sauli ari ku nzira agiye gufata abakirisu?
4. Mu nyuma Sauli yacitse iki, kandi ni ibintu vyiza ibihe yakoze?
5. Ni nde ariko arakora uko ashoboye kwose kugira atume abantu bakora ibintu bibi?
Ingingo ya 16-20
6. Ni urugamba rutoroshe uruhe twese turwana?
7. Ni kubera iki Yezu yakunda abantu bari bahoze bakora ibintu bibi?
8. Igihe tubonye muri Bibiliya ko ivyo turiko turakora ari bibi, dukwiye guca dukora iki?
Ikigabane ca 26
Ingingo ya 1-9
1. Sauli yafashwe gute igihe yacika umwigishwa wa Yezu?
2. Ni ukuri kwo muri Bibiliya ukuhe Yezu yigishije maze guca gutuma abantu bashavura?
3. Ni ibiki abantu bagerageje kugirira Yezu, ariko ivyo vyoba vyaratumye ahagarika kubabwira inkuru nziza?
Ingingo ya 10-14
4. Ni igitangaro ikihe Yezu yakoze kw’isabato?
5. Ni nde yanezerejwe n’ico gitangaro ca Yezu, mugabo ni bande kitanezereje?
6. Ni ingingo iyihe twese dutegerezwa gufata?
7. Ni bande batuma bitugora gukora iciza?
Ingingo ya 15-18
8. Ni bande bagize iyi si yanka abigishwa ba Yezu?
9. Ni kubera iki bigoye gukora iciza?
10. Ni imihango iyihe ikwiye gutuma dukora ivyo Imana igomba?
Ikigabane ca 27
Ingingo ya 1-5
1. Ni kubera iki abantu bashatse gusenga Paulo na Barunaba, mugabo Paulo na Barunaba bavuze ibiki bongera bagira iki?
2. Ni imana izihe abantu benshi basenga?
3. Imana y’iyi si ni nde, kandi igerageza kurondera ko abantu bogira iki?
Ingingo ya 6-13
4. Ni ibiki Umwami Nebukadinezari yategetse abantu bose kugira, kandi ni kubera iki ba basore batatu b’Abaheburayo bavyanse?
5. Ni igitangaro ikihe Yehova yakoze, kandi cagize ico gikoze gute ku Mwami Nebukadinezari?
Ingingo ya 14-15
6. Woba ushobora kuvuga ibishushanyo abantu bashinze muri iki gihe?
7. Ni inyifato iyihe ba Baheburayo batatu bogize ku bijanye n’ibishushanyo vyo mu bihe vya none?
Ikigabane ca 28
Ingingo ya 1-5
1. Ni kubera iki rimwe na rimwe bigora kumenya uwo dukwiye kugamburukira?
2. Ni ubuyobozi ubuhe Bibiliya iha abakiri bato?
3. Ni kubera iki Shaduraka, Meshaki na Abedunego banse kwikubita imbere y’igishushanyo Umwami Nebukadinezari yari yarakoze?
4. Igihe za ntumwa zahangana n’ikibazo kijanye n’uwo zikwiye kugamburukira, ni ingingo iyihe zafashe?
Ingingo ya 6-10
5. Ni nde yari umukuru w’intwaro mu gihe ca Yezu, kandi ni ibintu vyiza ibihe intwaro zikunda kugirira abanyagihugu?
6. Ni ibiki Yezu yavuze ku bijanye no gutanga amakori, kandi ni kubera iki ivyo vyari bibereye?
Ingingo ya 11-18
7. Ni kubera iki abakiri bato be n’abakuze bompi bakwiye kugamburuka amategeko ya Leta be n’abayiserukira?
8. Ni ryari abakirisu b’ukuri boshobora kudakurikiza amategeko amwamwe, kandi kubera iki?
Ikigabane ca 29
Ingingo ya 1-10
1. Ni igiki cerekana ko Imana itanka ko abantu bagira imisi mikuru, mugabo ni imisi mikuru bwoko ki itemera?
2. Ni imisi mikuru ibiri yo kwibuka ivuka iyihe Bibiliya ivuga?
3. Nusigure ivyabaye kuri iyo misi mikuru yose.
Ingingo ya 11-15
4. Wibaza ko Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’imisi mikuru y’ivuka?
5. Ni igenekerezo irihe bahisemwo guhimbarizako umusi w’ivuka rya Yezu, mugabo ni kubera iki adashobora kuba yavutse muri ico kiringo c’umwaka?
Ingingo ya 16-17
6. Ni kubera iki abantu bahimbaza Noweli?
7. Dushobora gute kumenya nimba umusi mukuru munaka uhimbara Imana (Yohani 17:16; 2 Abakorinto 6:14; 1 Petero 4:3)?
Ikigabane ca 30
Ingingo ya 1-9
1. Ni kubera iki Petero hamwe n’abandi bigishwa bagize ubwoba?
2. Ni ibintu ibihe vyashikanye Petero ku kwihakana Yezu?
Ingingo ya 10-16
3. Petero yihakanye Yezu incuro zingahe avuga ko atamuzi, kandi vyagenze ukwo kubera iki?
4. Ni gute dushobora gusanga dushikiwe n’ibintu bimeze nka birya vyashikiye Petero?
5. Ni igiki gishobora kudufasha kwirinda kugira ubwoba, gutyo bigatuma tutagira intuntu nk’iyo Petero yagize?
Ikigabane ca 31
Ingingo ya 1-7
1. Bibiliya ihumuriza gute abihebuye be n’abafise irungu?
2. Naho Yezu yacumukuye, ni igiki yari azi?
3. Ni gute tumeze nk’intama, kandi ni inkuru iyihe Yezu yiganye ijanye n’intama yazimiye?
Ingingo ya 8-12
4. Ni nde ameze nk’umwungere muri iyo nkuru ya Yezu, kandi ni kurera iki kuba adashobora kuboneka ata co bitwaye?
5. Zaburi ya 23 yerekana gute ko Yehova adukunda?
Ingingo ya 13-15
6. Ni kubera iki intama z’Imana zidakwiye kugira ubwoba?
7. Yehova yumva amerewe gute ku bijanye n’abantu b’intahemuka, kandi ni gute ivyo bikwiye kugira ico bikoze ku kuntu tumubona?