ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/06 rup. 7
  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Udutwe
  • KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
  • IKIGANIRO NO. 1
  • UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 10/06 rup. 7

Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Ibibazo bikurikira bizokwishurwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 30 Gitugutu 2006. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 4 Nyakanga gushika ku ndwi itangura ku wa 30 Gitugutu 2006. [Ibimenyeshejwe: Aho ata marabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo, muzokenera kwigirira ubushakashatsi bwanyu kugira ngo mutore inyishu.—Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 36-37.]

KAMERE Y’IVY’UKUVUGA

1. Ni kubera iki guturura bihambaye igihe turiko turavuga, kandi ni gute twoshobora kugabanya amaganya? [be rup. 135 ing. 5–rup. 137 ing. 2, inzitiro]

2. Igihe abantu batubajije ivyerekeye ivyo twemera, ni kubera iki dukwiye kwihatira gukoresha Bibiliya mu kwishura? [be rup. 143 ing. 1-3]

3. Twoshobora gute kurushiriza kuba abahinga mu gukoresha Bibiliya? [be rup. 144, uruzitiro]

4. Ni kubera iki bihambaye gukoresha kenshi Bibiliya igihe twigisha mu busuku, kandi ni gute tworemesha abandi kuyikoresha ku makoraniro y’ishengero? [be rup. 145-146, inzitiro]

5. Ni intumbero iyihe irimwo zibiri tuba dufise igihe twinjiza icanditswe? [be rup. 147 ing. 2]

IKIGANIRO NO. 1

6. Ni ubutumwa buzima ubuhe buri muri Zaburi? [bsi06 rup. 17 ing. 23]

7. Igitabu c’Imigani canditswe ryari, kandi ibiri muri co vyegeranirijwe hamwe ryari? [bsi06 rup. 20 ing. 5]

8. Imigani ni iki, kandi ni kubera iki umutwe w’ico gitabu mu Giheburayo ubereye? [bsi06 rup. 20 ing. 6]

9. Mu Migani 2:1-5, hashaka kuvuga iki igihe haturemesha kuguma turondera ubumenyi, ugutahura, n’ugutegera “nk’ifeza, [eka] nk’inzahabu zanyegejwe”? [be rup. 38 ing. 4]

10. Ni gute igitabu c’Imigani ubwaco cerekana intumbero ngirakamaro gifise? [bsi06 rup. 21 ing. 19]

UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU

11. Ni gute Dawidi ‘yahwekereza umutima wiwe, akawuhoza nk’uko umwana w’umucuko yigwandika kuri nyina’, kandi dushobora kumwigana gute? (Zab. 131:1-3)

12. Ni impumurizo iyihe dushobora gusanga mu majambo yahumetswe yo muri Zaburi 139:7-12?

13. Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyerekeye ubukuru bwa Yehova bivugwa muri Zaburi 145 vyotuma tumushemeza mu masengesho dutura no mu busuku turangura ku mugaragaro? (Zab. 145:3)

14. Ni mu buryo ki ugutinya Yehova ari “kwo tanguriro ry’ukumenya” kukaba na “kwo tanguriro ry’ubgenge”, ari bwo bukerebutsi? (Imig. 1:7; 9:10)

15. Mu Migani 7:1, 2, “amajambo yanje” be n’“amabgirizwa yanje” birimwo ibiki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika