Porogarama y’Umusi w’iteraniro ridasanzwe ryimirije
Abakirisu bo mu ntango, bakomejwe n’impwemu yera, barakoze bivuye inyuma kugira bamamaze inkuru nziza ku rugero runini rushoboka (Ivyak. 1:8; Kol. 1:23). Porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe ryo mu mwaka w’umurimo wa 2007, iyifise umutwe-shimikiro ugira uti: ‘Nugire vyinshi ukora ku vyerekeye rya Jambo’, izodufasha kwigana akarorero keza ntangere k’abo bakirisu.—Ivyak. 18:5, NW.
Igihe Umwami Dawidi yariko aravuga ivyerekeye ijambo ry’Imana, yagize ati: ‘[“Icibutswa ca Yehova ni ico kwizigirwa”, NW] giha umutungu ubwenge’ (Zab. 19:7). Porogarama yateguwe yitondewe y’umusi w’iteraniro ridasanzwe yo mu mwaka wa 2007, izoshimika ku gaciro Ivyanditswe bifise mu vyo ‘gutunganya ibintu’, yongere ituremeshe gukoresha Ijambo ry’Imana mu kwamamaza no mu kwigisha tubona ko ibintu vyihutirwa (2 Tim. 3:16, 17). Iyo porogarama yimirije izotwereka ingene twoshobora kwirinda imitego, yongere itwereke ukuntu vyotugirira akamaro turamutse dushize mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya mu buzima bwa misi yose. Izodufasha kandi gukoresha Ijambo ry’Imana kugira dufashe abakiri bato be n’abashasha ngo batere imbere mu vy’impwemu.
Uragerageza kuzoba ari ho uri igihe porogarama izotangurira, wongere uze utege yompi. Urazogira utwo wanditse turimwo ivyiyumviro ushobora kuzoshira mu ngiro. Ubigiranye ugukenguruka, uzotege yompi ivyo tuzoba turiko turigishwa n’ivyo tuzoba turiko tuributswa, wongere uzirikane ku kuntu woshira mu ngiro ivyo uzoba uriko wiga.
Porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe izotuma turushiriza gukenguruka Ijambo ry’Imana, itwibutse kubandanya dushikamye mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami dufise umwete, yongere itwereke ingene twofasha abandi kubigenza gutyo. Niwiyemeze rero kutazohomba ubuyobozi na bumwe be n’inyigisho n’imwe vyo mu buryo bw’impwemu Yehova atanga muri ubwo buryo!—Yes. 30:20b, 21.