Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Ibimenyeshejwe: Mu ndwi yose yo mu mezi aberamwo ihwaniro hazotegekanywa Ikoraniro ry’umurimo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Amashengero yoshobora kugira ivyo ahinduye nimba bizoba bikenewe, kugira ngo bifashe kuzokwitaba rya Hwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!”. Aho bibereye, nimukoreshe iminuta 15 kw’Ikoraniro ry’umurimo rya nyuma ry’imbere yuko mwitaba iryo hwaniro kugira ngo mwiyibutse impanuro zihuye n’ibikenewe iwanyu mu zatanzwe mu nyongera y’iki Gikorwa dukorera Ubwami. Mu kwezi kumwe canke abiri inyuma y’iryo hwaniro, murategekanya iminuta 15 canke 20 mu gihe c’Ikoraniro ry’umurimo (kumbure mukoreshe igice kigenewe ibikenewe iwanyu) kugira mugire isubiramwo ry’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri iryo hwaniro. Iryo ntirizoba ari isubiramwo rya porogarama yose y’ihwaniro. Ahubwo, murashimika gusa ku bice bijanye neza na neza n’igikorwa c’umurimo wo mu ndimiro. Murasabe abumviriza kugira ico bavuze ku kungene bazoba bariko barakoresha mu busuku bwabo ivyo bumvise.
Indwi itangura ku wa 12 Ruheshi
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bubereye mu cibare canyu, nimugire umwerekano w’ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama na Réveillez-vous! yo muri Rusama. Umwe muri iyo myerekano, nugirwe mu buryo bwo gutanga ibinyamakuru akaryo kizanye.
Imin. 20: “Ubusuku turangura ni igikorwa kiranga imbabazi”.a Umwanya ubibakundiye, nusabe abumviriza kugira ico bavuze ku vyanditswe vyatanzwe.
Imin. 15: Twizigire wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”. Insiguro no guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku kigabane ca 3 c’igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba.
Ururirimbo rwa 47 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 19 Ruheshi
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu be n’Udukuru twa gitewokarasi. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami.
Imin. 20: “Ijambo riziye mu gihe kibereye, ewe kuntu ari ryiza!”. Insiguro no guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2006, urupapuro rwa 16-19. Mu majambo y’intangamarara, nushimike ku vyiza bine biva ku gukeza abandi vyavuzwe munsi y’agatwe kavuga ngo “Ivyiza bivamwo”. Nuce usaba abumviriza kugira ico bavuze kuri ibi bibazo bikurikira: Ni nde aza imbere mu bakwiriye gushemezwa? Ni kubera iki abo dusangiye ugusenga bakwiriye gukezwa mu buryo bubereye? Ni uturyo utuhe turonka two gukeza abandi mw’ishengero? Ni kubera iki ari ngirakamaro gukeza abagize umuryango wacu, kandi twobigira gute? Ni gute woba warigeze kuremeshwa canke gukomezwa n’amajambo wabwiwe yo kugukeza?
Imin. 15: “Twitwararike abandi—Mu kubakeza”.b Hagirwe umwerekano aho umwamamaji yumviriza yitonze uwo bayaga, akamukeza abikuye ku mutima, hanyuma agaca yubakira ku vyo uwo muntu avuze mu gusoma icanditswe kibereye.
Ururirimbo rwa 96 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 26 Ruheshi
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Nusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyo gukenguruka intererano zatanzwe. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bubereye mu cibare canyu, nimugire umwerekano w’ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama na Réveillez-vous! yo muri Rusama. Mu gusozera umwerekano umwumwe wose, nya mwamamaji navyure ikibazo gituma umuntu azirikana gishobora kuzokwishurwa hakoreshejwe ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha niyagaruka.
Imin. 30: “Tugume twiteze Yehova”.c Gishikirizwe n’umunyamabanga w’ishengero. Nuvuge ihwaniro ishengero ryabwiwe kuzokwitaba. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kungene umuntu agumye yambaye ka gakarata karanzi k’ihwaniro igihe cose ari mu gisagara kiberamwo ihwaniro bishobora kumuha akaryo ko gushinga intahe. Nuremeshe abumviriza kutagisha akaryo na kamwe ko gushinga intahe koba kizanye no gukoresha ka gapapuro kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) kugira ngo igihe cose hari uwushimishijwe bimenyeshwe.
Ururirimbo rwa 208 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 3 Mukakaro
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo muri Ruheshi, nimba batarabigira.
Imin. 15: “Isekeza ryo kw’isi yose ryo gutangaza rya Hwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo ‘Ukurokorwa kuregereje!’ ”.d Uritwararika ivy’uko ingingo zose zisomwa.
Imin. 20: “Ingene woshika ku migambi ufise yo mu vy’impwemu”.e Nusabe abakiri bato bo mw’ishengero kugira ico bavuze ku bijanye n’imigambi yo mu vy’impwemu bishingiye be n’ico bariko barakora kugira bayishikeko. Nutegekanye imbere y’igihe umuntu umwe canke babiri kugira bazogire ico babivuzeko.
Ururirimbo rwa 30 n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.